Ubwicanyi ku bajenerali mu Burundi, umunsi nk’uyu mu 2015 Jen. Prime Niyongabo yararokotse

Jenerali Prime Niyongabo, umukuru w'ibiro vya gisirikare w'u Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jenerali Prime Niyongabo, umukuru w'ibiro vya gisirikare w'u Burundi

Hari kw'igenekerezo rya 11 ukwezi kw'icenda 2015, umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare Jenerali Prime Niyongabo yagwa mu mutego w'abitwaje ibirwanisho, bambaye impuzu za gisirikare, ariko baramuhusha.

Ico gitero cabaye hafi isaha imwe yo mu gatondo mu gisagara ca Bujumbura, aho abo bantu bari mu modoka ya kamyoneti y'igisirikare barashe imodoka yiwe n'imwe yari imuherekeje.

Bane mu bari bamucungereye ubuzima barahasize ubuzima, nawe Imana irakinga, kuko abo bagizi ba nabi batashoboye kumushikira.

Umudereva yari amureruye yakoresheje ububangutsi budasanzwe aca arengana imodoka yari ireruye abapolisi bari bagiye ku kazi, gutyo abo bene gukora ico gitero ntibashobora kumushikira, abona kurokoka.

Babiri mu bagirizwa ko bagikoze barishwe, uwundi umwe nawe arafatwa.

Ibiro bikuru vya gisirikare vyaciye bisohora itangazo kuri uwo munsi nyene aho vyamenyesheje ko abari bateguye ico gitero bari bafise intumbero y'ugucanishamwo igisirikare c'u Burundi.

Ico gitero cabaye haciye ukwezi abagizi ba nabi bitwaje amaroketi bateze umutego bagandagura Jenerali Adolphe Nshimirimana, mu gatondo ko kw'igenekerezo rya 02 ukwezi kw'umunani uyo mwaka nyene.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Liyetena Jenerali Nshimirimana yagandaguwe ku wa 02 z'ukwezi kw'umunani 2015

Jenerali Nshimirimana ari mu batanguje umugambwe CNDD-FDD n'urugamba rwawo, inyuma y'aho mu mwaka wa 1993 Perezida Melchior Ndadaye agandaguriwe n'igisirikare c'ico gihe.

Kwizizira abakuru mu gisirikare ntivyahereye aho. Haciye amezi make, abantu bitwaje amaroketi n'amagerenade baragandaguye Jenerali Athanase Kararuza, n'umugore wiwe.

Umwana yagiye gusandaba mu nyuma kubera ibikomere vy'aho yarashwe muri ico gitero cabaye muri karitiye Gihosha mu gatondo ko ku wa 25 z'ukwezi kwa kane 2016.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jenerali Athanase Kararuza yari umuhanuzi mu biro vy'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu

Iyo ntwazangabo mu gisirikare yari umuhanuzi mu biro vy'icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, Gaston Sindimwo, yishwe mu gihe yari atwaye umwana wiwe kw'ishure.

Ivyo bitero vyabaye ingaruka y'indyane za politike zadutse mu kwezi kwa kane umwaka wa 2015, bivuye ku ngingo ya Perezida Petero Nkurunziza yo gusubira kwitoza, mu kindi kiringo abatavuga rumwe bavuga ko cari giteye kubiri n'ibwirizwashingiro.

Ibindi bisa n’ibi