Leta y’u Burundi iragabisha abacuruza imyunyu idakwije ibisabwa

Umunyu wo kusaka rya Hargeisa muri Somaliland Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Iyi myunyu itemewe yinjizwa mu gihugu ifise amazina nka CHUMVI MAWE, CHUMVI SAFI, CHUMVI NZURI

Umushikiranganji w'ubudandaji, amahinguriro n'ingenzi mu Burundi aragabisha ko mu gihugu hibonekeza imyunyu mibi itagira ivyunyunyu bikwiye canke birenze urugero.

Mu gihe yari yakoranije abamenyeshamakuru n'abarwizatunga i Bujumbura ejo ku wa kabiri, umushikiranganji Jean-Marie Niyokindi yavuze ko iyo myunyu yinjira ivuye muri Tanzania.

Avuga ko nyuma baca bayihindura ikitwa ko ikorerwa mu Burundi.

Bwana Niyokindi avuga ko igiteye ubwoba ari uko iyo myunyu bita umusyano igurwa ku rugero runini cane n'abanyagihugu.

Aragabisha ko urudandazwa rwayo rutemewe n'amatagegeko kuko ari imyunyu ifise ingaruka mbi ku magara y'abantu.

Umunyu ukwije ibisabwa n'amategeko uba ufise icunyunyu bita iode ku rugero ruri hagati ya 30 na 60, ibipimo abanyagihugu benshi bitoroshe ko batahura.

Bwana Niyokindi avuga ko umunyu usanzwe ukoreshwa mu Burundi uva ahanini muri Tanzania, uyu ngo usanzwe uzwi kandi wemejwe n'igisata kijejwe gucungera ibidandazwa muri ico gihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu youtube
Image caption Umushikiranganji Jean-Marie Niyokindi avuga ko iyo myunyu idakwije ibisabwa ariyo iriko irakoreshwa cane n'abanyagihugu

Iyi myunyu itemewe yinjizwa mu gihugu ifise amazina nka CHUMVI MAWE, CHUMVI SAFI, CHUMVI NZURI.

Bwana Niyokindi avuga ko ishitse mu Burundi baca bayisya bakayitekera mu mifuko maze ikitwa ko ari imyunyu yakorewe mu Burundi (Made in Burundi).

Imyunyu idakwije canke irengeje urugero rw'icunyunyu 'iode' itera indwara y'umwingo n'izindi.

Avuga kandi ko abahinga mu vy'amagara y'abantu bemeza y'uko hampande y'umwingo, iyo myunyu itera izindi ndwara nk'ihahamuka, gukeha ubwenge, indwara zituma abana batagira ubwenge bukwiye, abagore bibungenze bakagira ibibazo n'izindi.

Bwana Niyokindi aremera ko hari amakosa yakozwe nk'ukutubahiriza amategeko agenga amasoko yo mu karere ka Afrika y'Ubuseruko u Burundi busanzwe burimwo.

Umushikiranganji Niyokindi agabisha abadandaza ko urudandazwa rw'iyo myunyu rutemewe, kandi ko leta idashobora kuvyihanganira.

Ibindi bisa n’ibi