Ba Prezida barimwo ab'u Rwanda, u Burundi na Kongo bazohurira i Bukavu
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Ba Prezida barimwo ab'u Rwanda, u Burundi na Kongo "bazohurira i Bukavu"

Abategetsi bo mu ntara zitanu zo mu buseruko bwa Kongo, n'ukuvuga Kivu zompi, Ituri Manyema na Tanganyika bahuriye mu muji wa Bukavu mu nama y'umutekano.

Abo bategetsi barimwo ba Bulamatari b'izo ntara hamwe n'abashingamateka bo ku rwego rw'intara, bazohura kandi n'abaserukira ibihugu bibanyi ku munsi wa gatatu.

Abo nabo, bivugwa ko bazoba bwarimwo Prezida Pierre Nkurunziza w'i Burundi, Paul Kagame w'u Rwanda na Felix Tshisekedi wa Kongo, bazoba bahejeje igikorwa co gutanguza ikigo c'isuzuma ry'ibiterwa, laboratoire agricole, ku munsi w'ejo i Bukavu.

Florentine Kwizera yavuganye na Jean Bosco Sebishyimbo, ajejwe umutekano ku rwego rw'intara ya Kivu ya ruguru, amusigurira ko bagiye gukorana mu mugwi umwe w'umutekano n'ivyo bihugu.

Yabanje kumubaza impamvu batoye guhurira Bukavu. (Ushobora kwumviriza ico kiganiro aho hejuru)