Perezida Erdogan yatangaje ko ingabo za Turkiya zateye mu buraruko bwa Siriya

Ingabo za Turkiya zitegura igitero mu buraruko bwa Syria Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ingabo za Turkiya zitegura igitero mu buraruko bwa Syria

Igisirikare ca Turkiya catanguye intambara mu buraruko bushira ubuseruko bwa Siriya, kigashobora gutana mu mitwe n'abarwanyi b'aba kurde bashigikiwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umukuru w'igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, amenyesha ko ico gitero kigamije kwirukana imirwi yitwaje ibirwanisho y'abakurde mu ntumbero yo gutegura "akarere gatekanye" gashobora n'ukwimurirwamwo impunzi zo muri Syria.

Umuhari w'abakurde bo muri Syria, Syrian Democratic Forces (SDF), uvuga ko abasivire bo muri ako karere batewe n'indege z'intambara za Turkiya.

Perezida Donald Trump wa Amerika yarakuye ingabo z'ico gihugu mu buraruko bwa Syria mu buryo budasobanutse.

Iyo ngingo yo gukura abasirikare ba Amerika ku birindiro vyazo mu buraruko bwa Siriya yafashwe inyuma y'aho avuganiye kuri telephone na Perediza Erdogan mu mpera z'indwi iheze.

Abatari bake, baba abanyamerika canke ibindi bihugu vy'incuti za Amerika, baraneguye cane iyo ngingo.

Aba kurde bafitaniye imigenderanire ikomeye na Amerika isanzwe ikorana cane nabo mu ntambara yo kurwanya umurwi Etat Islamique ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu muri Syria.

Basanzwe bafise imbohe z'abarwanyi ibihumbi n'ibihumbi ba Etat Islamique n'imiryango yabo mu mabohero no mu makambi yabo mu burere bafise mu minwe, hakaba hari impungenge ko umutekano wazo ushobora guhungabana.

Igihe yamenyesha ico gitero ku rubuga rwiwe rwa twitter, Bwana Erdogan yavuze ati: "Intumbero ni uko ako karere kataba inzira y'ibikorwa vy'iterabwoba ku mupaka wacu wo mu bumanuko. Dushaka kandi kugarukana amahoro muri ako karere".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukuru w'igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, amenyesha ko ico gitero kigamije kwirukana imirwi yitwaje ibirwanisho

Yongeyeko y'uko ico gitero kizofasha "kwubahiriza ubusugire bw'igihugu ca Siriya be no gukura abanyagihugu mu menyo y'imirwi y'iterabwoba".

Leta ya Turkiya ishaka gutegura "akarere gatekanye", bakirukana imirwi y'abarwanyi b'abakurde, kazoba n'ubuhungiro ku mpunzi z'abanya Siriya imiliyoni 3,6 bari muri Turkiya.

Hari amakuru avuga ko ibibombe bitari bike vyatewe mu gisagara ca Ras al-Ain kiri ku rubibe.

Inyuma y'itangazo rya Bwana Erdogan, umuhari SDF waciye usaba Amerika n'abo bafatanije kurwanya Etat Islamique ko botegura akarere kazira indege z'intambara (no-fly zone) "kugira ngo bahagarike ibitero ku basivire ataco bagirizwa".

Ingingo ya Bwana Trump y'ugukura ingabo za Amerika zari zisanzwe ari na nkeya muri ako karere kari ku rubibe yafashwe na SDF nk'uko "bayikoze mu gisebe", ikaba mbere yaraneguwe na bagenzibe bo mu mugambwe w'aba Républicains.

Bwana Trump yishuye abamunegura ko ashobora "gusambura" ubutunzi bwa Turkiya mu gihe "yorenga akarimbi" muri ico gitero, akagabisha Turkiya ko "yokwirinda ico cose coboneka ko ari uguta ubuntu".

Ibindi bisa n’ibi