Rwanda: Victoire Ingabire arakomeza kubazwa ku byabaye i Musanze

Victoire Ingabire, umukuru wa FDU Inkingi Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Victoire Ingabire avuga ko ata rugamba rw'amasasu arimwo

Umukuru w'umugambwe utaremererwa gukorera ahabona mu Rwanda, FDU Inkingi, Victoire Ingabire, yabwiye BBC ko yahamagawe akabazwa n'ibiro bijejwe iperereza mu Rwanda RIB ku byabaye i Musanze.

Madamu Ingabire yabajijwe kuwa kabiri ndetse n'ejo kuwa gatatu, ibazwa rye rikaba ritararangira kuko rizakomeza ejo kuwa gatanu.

Madamu Ingabire kuwa kabiri yabwiye BBC ko yabajijwe ku vy'igitero c'i Kinigi na Musanze bivugwa ko cagabwe n'abantu bitwaje ibirwanisho, bagasahura bakanica abanyagihugu.

Igipolisi c'u Rwanda casohoye itangazo kimenyesha ko abateye ari "abagizi ba nabi bishe abantu umunani, batandatu muri bo bicishijwe intwaro gakondo naho babiri bararaswa".

Vicotire Ingabire yabwiye BBC ko yasubije abamuhase ibibazo "ko ataho ahuriye n'ico gitero kandi ko ata mutwe w'itwaje intwaro afise".

Yavuze ko urugamba arimwo atari urw'amasasu ahubwo ari urwa politike.

FDLR yaravuzwe

Ico gitero kikiba abaturage bavuze ko bakeka ko ari inyeshamba za FDLR zaturutse mu Birunga.

Ariko FDLR ntaco iratangaza gushika ubu kuri ivyo vyavuzwe n'abo baturage.

Abaturage kandi bavuze ko habaye imirwano n'abasirikare b'u Rwanda, abo bateye bagahungira mu mashamba y'ibirunga.

Aloys Niyibizi, umuyobozi w'umurenge wa Musanze hamwe mu habereye ubu bwicanyi, yabwiye BBC ko abateye ari abantu barondera ivyo kurya.

Ibindi bisa n’ibi