Abashingamateka b’aba Républicains bashaka ko Turkiya ifatirwa ibihano

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bamaze guta izabo mu buraruko bwa Syria mu gihe ingabo za Turukiya zibandanya ibitero ku ba kurde Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abantu ibihumbi n'ibihumbi bamaze guta izabo mu buraruko bwa Syria mu gihe ingabo za Turkiya zibandanya ibitero ku ba kurde

Abashingamateka bo mu mugambwe w'aba Républicains batangaje ko bagiye gushiraho integuro y'itegeko rifatira ibihano Turkiya kubera ibitero iriko irakora muri Syria.

Umushingamateka Liz Cheney avuga ko Turkiya itegerezwa "kwemera ingaruka zikomeye z'ibitero ku ba kurde basanzwe bacuditse na Amerika" muri ako karere.

Ivyo bimenyeshejwe inyuma y'aho Perezida Donald Trump avugiye ko yipfuza kuba umuhuza muri izo ndyane.

Turkiya yarungitse ingabo mu buraruko bwa Syria ku munsi wa gatatu, inyuma y'aho Perezida Trump akuriye abasirikare ba Amerika muri ako karere.

None iyo nteguro imeze gute?

Umurwi w'abashingamateka 29 w'aba Républicains mu nama nshingamateka isanzwe yirwiriyemwo abo mu mugambwe w'aba Démocrates batangaje integuro y'itegeko rishobora gufatira ibihano Turkiya.

Mw'itangazo yasohoye, umupfasoni Cheney yagize ati: "Nimba Turkiya ishaka gufatwa nk'incuti, itegerezwa gutangura kwifata nk'incuti".

"Bategerezwa gufatirwa ibihano ku bitero bariko bakora ku ncuti zacu z'aba Kurde".

Umupfasoni Cheney yongerako y'uko "inama nshingamateka yamye ifise amakenga ku bucuti ubutegetsi bwa Erdogan bufitaniye n'abakeba ba Amerika, nk'Uburusiya".

Nayo umushingamateka Jodey Arrington yanditse azi: "Perezida Trump yaramenyesheje neza ko mu gihe Turkiya yorenga akarimbi muri Syria, ashobora 'gusambura' ubutunzi bw'ico gihugu".

Avuga ko iryo tegeko riha akaryo keza Amerika gushira mu ngiro ivyo Perezida yiyemeje.

Haciye umunsi umwe umu Senateri w'umu Républicains Lindsey Graham, ari kumwe na mugenziwe wo mu ba Démocrates Chris Van Hollen, atangaje integuro y'itegeko rifatira "ibihano ruhasha" Turkiya.

Bwana Graham arashigikiye bikomeye Perezida Trump, ariko aranegura cane ubutegetsi bwiwe kubona bwarakuye ingabo mu buraruko bwa Syria - avuga ko Amerika yataye aba Kurde "nk'akanuka".

Perezida Trump yishuye iki?

Perezida Trump yarashimangiye ingingo yiwe - gushika n'aho yashitse akavuga ati "aba Kurde ntibaduyashije mu ntambara ya kabiri y'isi yose".

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ingingo ya Bwana Trump y'ugukura ingabo za Amerika mu buraruko bwa Syria yaraneguwe na bagenzibe bo mu mugambwe w'aba Républicains

Hagati aho, yarateye ivyatsi igitero ca Turkiya inyuma y'aho aneguriwe n'abanyagihugu be n'amakungu.

Bwana Trump yavuze ko Turkiya ishobora gufatirwa ibihano mu gihe yorengana umurongo utukura, uwo nawo ugasigurwa n'umutegetsi ko ari "itsembatsemba…gutera ibibombe mu kivunga, canke ikarasa abasivire ".

Uyo mutegetsi ati: "Gushika ubu nta bintu nk'ivyo turabona, ariko haracari kare".

Yongerako y'uko umukuru w'igihugu yasavye abajejwe imigenderanire ko "bokwihweza ikintu gishobora guhuza izo mpande zibiri, barabe nimba hari ubuyo tworonka inzira y'uguhagarika intambara".

Aciye ku rubuga rwa Twitter, Perezida Trump yavuze ko imwe mu nzira zitatu ishobora gukoresha kugira iyo ntambara ihagarare.

Izo nazo ni : "Kurungika ingabo kugira bashobore gutsinda intambara, gufatira Turkiya ibihano ruhasha muvyo amafaranga n'ubutunzi, canke naho hahuze impande zompi hagati ya Turkiya n'aba Kurde."

Mu nyuma Perezida Trump yabwiye amanyamakuru ati: "Ndizeye ko iyo nzira ya nyuma ariyo izoja mu ngiro".

Yavuze ivyo imbere y'uko atemberera intara ya Minnesota.

Ashimangira icipfuzo ciwe c'uguhuza Turkiya n'aba Kurde, Bwana Trump yavuze ko hageze ko Amerika itahukana ingabo zayo.

Aranegura kandi n'ingene ico gihugu cita mu ntambara zo mu karere k'uburasirazuba bwo hagati.

Ari imbere y'isinzi ry'abanywanyi mu ntara ya Minnesota, Bwana Trump yavuze ati: "Izo ntambara zitera uruhagarara gusa zikanatuma amaraso aseseka".

"Buke buke turiko turava mu burasirazuba bwo hagati. Tubikora mu bwitonzi".