Uganda: Udukingirizo imiliyoni 4 tudakwije ibisabwa bagomba ko tuvanwa mu bantu

Udukingirizo imiliyoni zine nitwo dutegerezwa kuvanwa mu bantu Uwufise ububasha kw’isanamu Marie Stopes Uganda
Image caption Udukingirizo imiliyoni zine nitwo dutegerezwa kuvanwa mu bantu

Abategetsi ba Uganda bategetse ko udukingirizo duherutse gutangwa incuro zibiri n'ishirahamwe Marie Stopes Uganda rijejwe irondoka rijanye n'amagara meza dukurwa mu bantu.

Mw'itangazo ryasohowe na muganga Carole Sekimpi, arongoye Marie Stopes, avuga ati: "Turazi ko Life Guard ikwije ibisabwa n'amategeko. Ariko, izatanzwe ku ncuro zibiri ziheruka ntizikwije ivyo dusaba".

Arashimangira ariko y'uko iyo ngingo yerekeye iziherutse gutangwa kuri izi ncuro zibiri za nyuma.

Ikinyamakuru Daily Monitor kivuga ko utwo dukingirizo tungana n'imiliyoni zine.

Ikigo kijejwe imiti muri Uganda (NDA) casohoye urwandiko mu kwezi guheze kivuga ko ibipimo vyerekana "udutoboro n'ibimenyetso bigaragaza ko utwo dukingirizo dushobora guturika".

Muri urwo rwandiko, Victoria Nambasa, ajejwe kugenzura ko imiti ikwije ibisabwa n'amategeko muri ico kigo yanditse ati:

"Tubahaye indwi zibiri kugira ngo mutwereke ingene muzoba mwazikuye mu bantu n'abakiriya bazoba bazisubije".

Ibiharuro bitangwa n'ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu muri Uganda bivuga ko udukingirizo hafi imiliyoni 800 ari two dukenewe ngo birinde imbanyi batipfuza, SIDA n'indwara ziciye mu mibonano mpuzabitsina.

Ibindi bisa n’ibi