CECAFA: Uganda yatsinze u Burundi mu guhiganira ikibanza ca 3

CECAFA y'abigeme yarangiye uyu munsi muri Tanzania Uwufise ububasha kw’isanamu FUFA
Image caption CECAFA y'abigeme yarangiye uyu munsi muri Tanzania

Umurwi nserukiragihugu w'u Burundi w'abigeme uyu munsi watsinzwe n'umurwi nserukiragihugu wa Uganda mu rukino rw'uguhiganirwa ikibanza ca gatatu mw'ihiganwa rya CECAFA y'abigeme ryabera muri Tanzania.

Urukino rwarangiye Uganda itsinze ibitsindo bibiri ku busa bw'u Burundi.

Umumenyereza w'umurwi w'u Burundi avuga ko ashima ingene abakinyi biwe bitanze batiziganya n'aho batsinze.

Kuri uyu wa mbere niho haba inkino za nyuma z'ihiganwa CECAFA rihuza imirwi nserukirabihugu y'abigeme i Dar es Salaam.

Igitsindo ca mbere ca Uganda cagiye kuboneka ku munota wa 61 cinjijwe na Aminah Nababi , ica kabiri kiboneka ku munota wa 81 gitewe na Shamirah Nalujja.

Daniella Nibimenya asanzwe amenyereza abakinyi b'u Burundi ati: "Twari twiteze ko dushobora gutahana ikibanza ca gatatu, ariko ntivyakunze. Hagati aho, abakinyi banje bakinye neza kuvyo ntari niteze".

Ku ruhande rw'umurwi wa Uganda, ni umunezero ku mumenyereza w'umurwi wayo, Faridah Bulega, avuga ko hagati aho batarondera ikibanza ca gatatu.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC Sport
Image caption I bubamfu: Daniella Nibimenya , i buryo: Faridah Bulega

Ati: "Umuntu arategura ivyiwe, Imana nayo igategura ivyayo. Twebwe twari twiteguriye guheza turi aba mbere, ariko Imana nayo yashimye ko turangiza turi aba gatatu".

Muri iryo higanwa ryatanguye ku wa 16 z'uku kwezi kw'icumi na rimwe, Uburundi bwari mu murwi B kumwe na Tanzania, Sudani y'Epfo, na Zanzibar.

U Burundi bukaba bwarashoboye gutsinda ibihugu vya Zanzibar na Sudani y'Epfo.

Umurwi nserukiragihugu wa Kenya niwo utahukanenye igikombe c'iryo higanwa inyuma y'ugutsinda umurwi wa Tanzania ibitsindo 2-0 mu rukino rwari rwatanguye isaha cumi mu masaha ya Dar es Salaam.

Ibindi bisa n’ibi