SIDA: Inyuma y'imyaka 37 itowe, yifashe gute mu Burundi no mu Rwanda?

Ku wa 01 ukwezi kwa 12 ni umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikiza SIDA Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ku wa 01 ukwezi kwa 12 ni umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ikiza SIDA

Hari mu ntango z'imyaka ya 1980 igihe abaganga bo muri Leta zunze Ubumwe za Amerika babona indwara batari bamenyereye yica, SIDA (Syndrome d'Immunodéficience Acquise).

Haciye igihe gito, niho abahinga batora ko umugera wiswe virus de l'immunodéficience humaine (VIH) ariwo watera iyo ndwara yahitana abantu.

Kuva ico gihe, uyo mugera warakwiragiye kw'isi yose, ku buryo abantu bagera ku miliyoni 75 aribo bawanduye, nk'uko vyemezwa n'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS.

Rivuga ko muri abo, imiliyoni 32 nibo bahitanywe n'uyo mugera.

Abenshi mu babangamiwe n'ico kiza ni abo mu bihugu bikenye cane cane muri Afrika yo munsi y'ubugaragwa bwa Sahara, aho mbere no kubaronsa ibipimo be n'imiti ari ingorane.

Iryo shami rimenyesha ko mu mwaka wa 2018, hafi imiliyoni 38 ari bo bagendana umugera wa SIDA.

Hagati aho, rivuga ko ugereranije n'imyaka 15 iheze, ibitigiri vy'abandura uyo mugera vyagabanutse, eka n'igitigiri c'abo uhitana kiragabanuka ku bice 55 % uhereye mu mwaka wa 2004.

Ikiza ruhonyanganda SIDA gushika ubu nta muti kandi nta rucanco rwayo ruriho.

Hagati aho, hari vyinshi vyakozwe mu bijanye n'ubuvuzi mu ntumbero yo guhangana naco, aho hari imiti yo gupfupfahaza yagiye iraboneka ku buryo abagendana umugera wayo bashobora kubandanya babaho ubuzima busanzwe iyo bayifashe neza.

Ibitigiri bitangwa n'ishirahamwe ONU bivuga ko ibice 78 vy'abawugendana baronswa iyo miti. Hagati aho, ibice bigera kuri 20% vy'abagendana umugera wa SIDA ntibazi ko bawugendana.

Umugabane wa Afrika niwo ubangamiwe gusumba, aho ku miliyoni hafi 38 z'abagendana uwo mugera kw'isi, ibice birenga 2/3, ni ukuvuga imiliyoni zirenga 25.7, bari muri Afrika.

Mbega mu Burundi no mu Rwanda vyifashe gute?

Mu Rwanda, icegeranyo c'ubushakashatsi cerekanywe mu kwezi guheze c'ikigo c'igihugu kijejwe amagara y'abantu kivuga ko abanduye umugera bashika ibice 3% vy'abanyagihugu bose.

Muganga Sabin Nsanzimana arongoye ico kigo avuga ko muri ubu bushakashatsi basanze ibice 80% vy'Abanyarwanda barwaye SIDA baripimishije. Ati: "Ni wo mubare wa mbere twabonye, twifuzaga kugera kuri 90% muri 2020".

Avuga ko uwundi mubare babonye ari uko abafata imiti yo gupfupfahaza mu bagendana umugera wa SIDA ubu ari ibice 94%.

N'aho mu Burundi, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu buvuga ko ibiharuro vy'Abarundi bagendana umugera wa Sida vyagabanutse ku rugero ruboneka.

Mu kwezi kw'icumi uno mwaka, umushikiranganji Thaddée Ndikumana arongoye ubwo bushikiranganji, yamenyesheje ko mu gihe mu mwaka wa 2008, abagera ku bice vyarenga 6% vy'Abarundi aribo bagendana uwo mugera, ivyo biharuro vyari bigeze kuri 0,9 % mu 2017.

Hagati aho, avuga ko mu ntara zimwe zimwe, canke ku makomine amwe amwe hari aho usanga bageze ku bice 2% canke 2.5 %, cane cane mu gisagara ca Bujumbura.

Avuga ko mu basanzwe bagendana umugera wa SIDA, ibice 90% aribo basanzwe bari ku miti yo gupfupfahaza, aho ibice 89% bafata iyo miti neza ku buryo umugera utaboneka mu maraso.

Avuga ko ufatiye ku kiringo co hagati ya 1990-2000, Uburundi bwateye intambwe ishimishije mu kurwanya ico kiza.

Ati : « Ico gihe, umuntu yagize ingorane akandura iyo ndwara warashobora kumwibwira kubera indwara z'ivyuririzi zari nyinshi, ugasanga ni umuntu afise imishatsi ibenje, afise indwara nyinshi, ariko ubu urashobora kubona ko abantu twese tumeze co kimwe, aho uwurwaye sida ashobora gukora akazi neza, akiteza imbere, agateza imbere igihugu, igihe afata imiti neza ».