Umugabo wo muri Maine yahitanywe n’umutego we nyene yari yateze

Gutega imitego ishobora guhitana ubuzima bwa kiremwamuntu biteye kubiri n'amategeko muri Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Gutega imitego ishobora guhitana ubuzima bwa kiremwamuntu biteye kubiri n'amategeko muri Amerika

Umugabo w'imyaka 65 mu ntara ya Maine yari yateze umutego mu nzu iwe kugira ntihagire abantu b'ivyaduka binjira mu nzu yiwe yishwe n'uwo mutego.

Ronald Cyr yahamagaye igipolisi co mu gisagara ca Van Buren muri iyo ntara ya Maine avuga ko yarashwe.

Abapolisi bamaze gushika niho basanga ari umuryango ukozwe ku buryo urasa inkoho mu gihe hari uwogerageza kwinjira. Bwana Cyr yaciye anyarukanwa kwa muganga ariko yahavuye asandaba kubera ibikomere.

Si ibintu bishasha kwumva bene amazu batega imitego nk'iyo muri Amerika, n'aho bitemewe n'amategeko.

Igipolisi co muri Van Buren isanzwe ihana urubibe n'intara ya New Brunswick yo muri Canada, kivuga ko cumvise umuntu ahamagara kuri 911 ku mugoroba, avuga ko arashwe.

Igipolisi canditse ku rubuga rwa Facebook kiti: "Amatohoza twakoze ijoro ryose atwereka ko Bwana Cyr yarashwe n'inkoho yirashe iri ku mutego umwe muri iyo mitego yiwe".

"Ku gihamana kibi, Bwana Cyr yahavuye asandaba kubera yari yakomeretse cane".

Nta wuzi ingene vyagenze kugira iyo nkoho yirase.

Abapolisi batoye kandi n'iyindi mitego, biba ngombwa ko batabaza igipolisi kijejwe gutegura amabombe mu ntara ya Maine.

Sibwo bwa mbere imitego nk'iyo ivugwa muri Amerika.

Mu kwa kabiri, mu gihe bariko bagenzura inzu bari baguze, umurwi w'abadandaza b'amazu batoye ingazi yari itezeko umutego ku buryo urinze uyihonyorako yaca irekura imbugita.

Mu kw'icenda kw'umwaka uheze, hari umugabo mu ntara ya Illinois yishwe igihe yari yuguruye inyubakwa yari itezeko inkoho. Nibwo muri uku kw'icenda guheruka, William Wasmund w'imyaka 48 yagirijwe ubwicanyi bukabije.

Hanyuma mu kwezi kw'icumi umwaka uheze, hari umugabo wo mu ntara ya Oregon yagirijwe ubukozi b'ikibi igihe inkoho yari izirikiye ku mutego wari watezwe ku ntebe y'abamugaye yirasa, ikarasa umukozi wa FBI ku kuguru.