OTAN: Trump yagiriza Macron ko yatukanye cane ku majambo yavuze

Trump yagiriza Macron kuvuga amajambo mabi cane kuri OTAN Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Trump yagiriza Macron kuvuga amajambo mabi cane kuri OTAN

Umukuru wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yagiriza Perezida w'u Bufaransa Emmanuel Macron ko "yatukanye" mu kuvuga ko ishirahamwe OTAN "ryapfuye".

Bwana Turmp ari i Londres mu nama itegura isabukuru igira 70 y'iryo shirahamwe rya gisirikare rihuza ibihugu vya Bulaya y'Uburengero hamwe na Amerika ya ruguru.

Bwana Trump avuga ko OTAN yashitse kw'ihangiro ryayo nyamukuru, akabona ko amajambo ya Perezida Macron ari "igitutsi gikomeye".

Avuga ko ariko abona Ubufaransa "bwiyonkoye" muri OTAN, ariko ntiyavuga igituma.

Iryo shirahamwe OTAN ryashinzwe inyuma y'intambara ya kabiri y'isi yose kugira ngo rihagarike Uburusiya bwariko bwiyagurira akarere.

Ibihugu 29 vyose birihurikiyemwo vyiyemeje gufashanya mu gihe hogira kimwe muri vyo giterwa.

Ariko mw'ijambo aheruka gushikiriza mu kwezi guheze, Bwana Macron yaridoze ko ibihugu bigize iryo shirahamwe bitagifashanya mu bintu nyamukuru.

Yavuze iryo shirahamwe ari "nk'umupfu", ashimangira ko Amerika isanzwe irihagarariye gusumba ibindi bihugu igenda idebukirwa.

Iyo nama yari yiteze gutangura uno munsi ku wa kabiri imaze kugaragara ko irimwo agatosi gatumwe n'ukutumvikana gukomeye hagati y'Ubufaransa na Turukiya, hamwe n'impari zishingiye ku mafaranga.

Perezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, avuga ko azorwanya imigambi yose ya OTAN yo kwikingira ibitero vy'ubumara mu gihe itoshigikira ico gihugu mu kurwanya imirwi y'aba Kurde afata nk'imirwi y'iterabwoba.

None Trump yavuze iki?

Ari kumwe n'umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, Bwana Trump yavuze ko "OTAN yashitse ku ntego yayo nyamukuru".

Mu nyuma yabajijwe ico yiyumvira ku majambo yashikirijwe na Perezida Macron w'Ubufaransa.

Yavuze ko kubwiwe, Perezida w'Ubufaransa "yasuzuguye cane" ibindi bihugu bihurikiye muri iryo shirahamwe.

Ati: "Ni amajambo y'agasuzuguro kabi cane. Nibaza ko Abafaransa barembejwe n'ubushomeri burenze urugero. Ubufaransa ntibuhagaze neza muvyo ubutunzi".

"Si vyiza kuvuga amajambo mabi nk'ayo iyo uri mu ngorane nk'izo. Umwaka wose uheze bari muri zuguruzuguru. Ntushobora gukinisha OTAN uvuga amajambo nk'ayo. Ni agasuzuguro kabi cane".

Yongeyeko ati: "Nta gihugu gikeneye OTAN nk'Ubufaransa… Iyo ndavye Macron nca mvuga nti uyu muntu arakeneye gufashwa gusumba bose, ndiko ndabona yiyonkora kuri OTAN".

Eka na Perezida Erdogan yari yamaze kwiyamiriza Macron, avuga ko ahubwo ari we afise "ubwonko bwapfuye", anamwagiriza ko "atanatahura" ibijanye n'iterabwoba.

Ishirahamwe OTAN ryashinzwe mu 1949 mu mu ntumbero y'uguhangana n'iyahoze yitwa Leta Zunze Ubumwe z'aba Soviet (URSS) yariko yigarurira uburere. Ico gihe ryari rihurikiyemwo ibihugu 12 ariko ubu rikaba rihuza ibihugu 29.