Uganda: Abantu batandatu bamaze kumenyekana ko bahitanywe n’ibihomoka

Umwaka uheze, ibihomoka vyahitanye abantu 51 muri Uganda Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umwaka uheze, ibihomoka vyahitanye abantu 51 muri Uganda

Abantu batandatu nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye abandi hafi 50 baburirwa irengero inyuma y'aho amazu yabo ahitaniwe n'ibihomoka mu karere ka Bududa mu buseruko bwa Uganda.

Ibihomoka vyama bihitana abantu n'ibintu muri ako karere uko umwaka utashe.

Umwe mu barongoye ako karere yabwiye abanyamakuru ko hari abandi bantu batari bake baguweko n'ivyo bihomoka.

Umutegetsi wo mu gisata kijejwe kurwanya Ibiza, Martin Owur, avuga ko hari ibiziga bitatu vyatowe mu karere ka Bududa, ibindi bitatu bitorwa mu karere ka Sironko.

Avuga ko abantu bashika 47 bataramenyekana irengero ryabo mu gihe inzu 38 zononekaye.

Amabarabara yo mu karere ka Bududa yononekaye cane, ibituma utwigoro two kugarukira ku bahuye n'ivyo vyago ataco dushikako kinini.

Ivyo bihomoka vyakurikiwe n'isegenya yaguye urutavanako mu kiringo c'amasaha atanu.

Ubutegetsi buracabandanya igikorwa co kwimura abantu 140 bubatwara mu tundi duce.

Umwaka uheze, abantu 51 barapfuye abarenga 850 nabo babomorerwa amazu inyuma y'aho ako karere gaterewe n'ibihomoka nk'ivyo.

Isegenya idasanzwe iriziziye akarere ka Afrika y'Ubuseruko, aho imaze guhitana abantu bashika 250 , abandi nabo baharurwa mu miliyoni zitatu bakaba bari mu kangaratete.

Kenya yonyene ubwayo imaze kubura abantu barenga 130 kubera imyuzurira ivuye kw'iyo segenya.

Abahinga muvyo ikirere baragabisha ko imvura y'isegenya ishobora kubandanya igwa gushika mu mpera z'uku kwezi.