Larry Page na Sergey Brin batanguje Google batanze imihoho

Larry Page (i bubamfu) na Sergey Brin (i buryo) batanguje Google mu 1998 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Larry Page (i bubamfu) na Sergey Brin (i buryo) batanguje Google mu 1998

Abatanguje Google Larry Page na Sergey Brin batanze imihoho mu burongozi bukuru muri iyo kompanyi ikomeye mu buhinga ngurukanabumenyi bwa none.

Batanze imihoho mu burongozi bwa Alphabet, kompanyi yegukira Google, aho Larry Page yari umukuru wa komite nshingwabikorwa, Sergey Brin nawe akaba umukuru wayo.

Itangazo ryasohowe rivuga ko umukuru wa komite nshingwabikorwa wa Google Sundar Pichai ariwe azoca aba n'umukuru wa komite nshingwabikorwa wa Alphabet.

Alphabet yatangujwe mu mwaka wa 2015 nk'ishami rya Google mu bikorwa vyo kunagura iyo kompanyi yari yatangujwe na nBwana Page na Bwana Brin mu mwaka wa 1998.

Abo bantu babiri bavuye muri Google bimukira muri Alphabet, bavuga ko bunguruje mu ntumbero y'ugutangura iyindi migambi.

Hagati aho, mu butumwa bwaciye kuri blog ejo ku wa kabiri, abo bagabo bompi bafise imyaka 46 bavuga ko batanze imihoho mu bikorwa vya minsi yose vy'iyo kompanyi.

Mw'ikete bandikiye hamwe, bavuga ko bazoguma bafise "uruhara muri komite nyobozi, nk'abatanguje iyo kompanyi kandi bafisemwo imitahe", bakavuga ariko ko hari hageze "ko ibijanye n'uburongozi bitunganywa gushasha".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Larry Page (i bubamfu) na Sergey Brin (i buryo) bimukiye muri Alphabet muri 2015

Bati: "Hariho ubundi buryo bwo kurongora iyi kompanyi. Alphabet na Google ntizikeneye abakuru nshigwabikorwa babiri n'umu perezida".

Bavuga ko bipfuza kubandanya bakora nk'abavyeyi - batanga impanuro mu rukundo, ariko atari ukwiruka mu bikorwa vya minsi yose. Bashimangira ko "ata wundi muntu "ashoboye gutwara iyo kompanyi neza muri kazoza nka Bwana Pichai.

Uyo mugabo w'imyaka 47 yavukiye mu Buhindi, ari naho yize ivyigwa vy'ubuhinga. Imbere y'uko yinjira muri Google, yabanje kwiga ku mashure kaminuza ya Stanford na Pennsylvania muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mw'itangazo yasohoye, yavuze ko "yishimiye" iyo mpinduka anakengurukira bwana Page na Bwana Brin.

Ati: "Aba bantu batanguje iyi kompanyi baraduhasye twese akaryo ko kugira ico tumariye isi".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Sundar Pichai niwe azoca arongora izo kompanyi zompi

"Kubwabo, dufise igikorwa kitagira ihezero, amateka atagira iherezo hamwe n'umuco wo gufashanya n'ukwungura ubumenyi, ari navyo bidutuma twama dutonda ku kazi iminsi yose".

"Mwaraduhaye umushinge tuzobandanya twubakirako. Mfise inyota nyinshi yo kubona ejo ingene bizoba bimeze kandi ndipfuza kubandanya urugendo ndi kumwe na mwebwe mwese".

Ikinyamakuru Forbes candika ku vyerekeye ubutunzi gishira Bwana Page na Bwana Brin ku myanya ya 10 na 14 mu bantu batunze gusumba abandi kw'isi, umwe umwe akaba afise agaciro ka miliyoni hafi 50 z'amadolari.

Ico kinyamakuru gishira kandi ikompanyi Alphabet ku mwanya wa 17 kw'isi, ikaba ifise umutahe ungana hafi imiliyaridi 863 z'amadolari.