Burundi - Rwanda: CIRGL igiye gukora itohoza ryayo ku gitero c'i Mabayi

Rwanda-Burundi

Inama mpuzamakungu ijejwe akarere k'ibiyaga binini (CIRGL/ICGLR) yashinze umurwi ugiye gukora amatohoza ku gitero giheruka ku kirindiro c'ingabo z'u Burundi muri komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke.

Umunyamabanga mukuru w'iyo nama, Zachary Muburi-Muita, yabwiye BBC ko uwo murwi washinzwe, ariko nta nsiguro yatanze kuri wo.

Ikirindiro ca gisirikare c'i Marura caratewe n'umurwi witwaje ibirwanisho ku wa 17 z'ukwezi kwa 11 uyu mwaka wa 2019, leta y'u Burundi ikaba yavuze ko abagize ico gitero bavuye mu Rwanda bakongera bagasubirayo.

Urwandiko rugena uyo murwi rwateweko igikumu na koloneli Léon Mahoungou arongoye umurwi uhuriyemwo bose ujejwe ubugenzuzi muri iyo nama (MCVE) ruvuga ko ico gikorwa categerezwa gutangura kuri uyu wa kabiri itariki 03/12/2019 kikarangira ku itariki 10/12/2019.

Uyo murwi w'abantu 17 ugizwe n'abasirikare 13 n'abasivire 4, uzotegerezwa gushika ahabereye ico gitero ku ruhande rw'Uburundi, ushike no mu Rwanda.

U Burundi bwaragabishije u Rwanda ko ''buzofata ingingo zikwiye kuko budashobora kwihanganira ibitero vyisubiriza n'agasomborotso'' buvuga ko bikorwa n'u Rwanda.

Leta y'u Rwanda yoyo ivuga ko ibivugwa n'u Burundi bifise intumbero y'ugusamaza amakungu ku kibazo nyamukuru kiri mu karere, kandi ko atari ubwa mbere.

Kuva mu mwaka wa 2015 aho hadukiye uruhagarara rwa politike mu Burundi, u Burundi n'u Rwanda vyakomeje kwagirizanya kimwe cose ku ruhande rwaco, ko mukeba afasha imirwi y'inyeshamba ishaka guhungabanya umutekano kubutaka bwaco.

Ibindi bisa n’ibi