Tanzania: John Magufuli avuga ko atazosubira kwitoza inyuma y'ibiringo vyiwe bibiri

John Pombe Magufuli ati: "Kuba umukuru w'igihugu ni ukwikorera umusaraba uremereye cane" Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption John Pombe Magufuli ati: "Kuba umukuru w'igihugu ni ukwikorera umusaraba uremereye cane"

Umukuru w'igihugu ca Tanzania John Pombe Magufuli yatangaje ko atazosubira kwitoza inyuma y'ikiringo ciwe kigira kabiri yiteze gutsindira.

Mu gihe yari arongoye inama nkuru y'umugambwe uri ku butegetsi CCM mu gisagara ca Mwanza, hari bamwe mu banywanyi biwe bari bamusavye ko yosubira akitoza kugira ngo abandanye atwara inyuma y'ibiringo bibiri.

Ibwirizwashingiro rya Tanzania riteganya ko umukuru w'igihugu atarenza ibiringo bibiri.

Bwana Magufuli ari ku butegetsi kuva mu 2015, akaba afise igihamana kinini co gutsindira ikindi kiringo kigira kabiri nk'uko ibwirizwashingiro ry'ico gihugu ribimwemerera.

Mw'ijambo yashikirije abari muri iyo nama mu mpera z'indwi iheze, bwana Magufuli yavuze ati: "Umugambwe wacu CCM ni ihinguriro, CCM ifise abantu benshi cane".

"Rero uburyo bwakoreshejwe kugira ngo hatorwe abantanguriye, ni ubwo nyene bwakoreshejwe na jewe ngatorwa, kandi nibwo nyene buzokoreshwa kugira haboneke uwundi mwiza mbere kunsumba".

Bwana Magufuli, ari na we mukuru w'umugambwe Chama Cha Mapinduzi (CCM) yabariye abari aho ko kwitwa umukuru w'igihugu ari ukwikorera umusaraba uremereye cane.

Pierre Nkurunziza...

Perezida Petero Nkurunziza w'u Burundi yaramaze gutangaza ko atazosubira kwitoza ngo arongore igihugu mu matora ategekanijwe mu mwaka uza wa 2020.

Aherutse n'ugushimangira iyo ngingo yiwe aho mw'ijambo ryo kuri uyu wa 20 z'ukwa munani, yasubiye kwumvisha ko atazosubira kwitoza, ati "ibizoba bisigaye navyo bizokorwa n'abazodukorera mu ngata".

Ingingo yo kwitoreza ikiringo ca gatatu mu mwaka wa 2015 yatumye igihugu cinjira mu ndyane za politike.

Mu mwaka uheze leta y'ico gihugu yahinduye ibwirizwashingiro abenshi bakaba babona ko yari inzira ariko ategura kugira ngo abandanye atwara igihugu gushika mu 2034.

Paul Kagame...

Perezida w'u Rwanda Paul Kagame, ari i Doha muri Qatar, aherutse gutangaza ko atazorenza ikiringo ariko arategeka kizohera mu 2024.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ku wa Mungu ari i Doha, Bwana Kagame yavuze ko atazorenza ikiringo ca gatatu ce kizohera mu 2024

Bwana Kagame yatorewe ikiringo ca gatatu ku majwi 99% mu 2017, inyuma yo guhindura ibwirizwa shingiro ry'u Rwanda ryabuza umukuru w'igihugu kurenza ibiringo bibiri.

Ku wa Mungu ari i Doha, abajijwe niba atazobandanya inyuma y'ikiringo ca gatatu, yasubije ati: "Ubutaha ivyo ntibizosubira".

Mu 2012 ubwo yari mu kiringo ca kabiri, Bwana Kagame yabajijwe n'ikimenyeshamakuru World Policy Journal niba atozokwiyamamariza ikiringo ca gatatu.

Yasubije ati: "Dufise ibwirizwa shingiro. Dufise ibiringo bitarenzwa. Ndi mu kiringo canje ca kabiri kandi ni ica nyuma".

Ibindi bisa n’ibi