Sylvana Ntiyibagira yaririmvye indirimbo IBUKA USHIME yitavye Imana
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Sylvana Ntiyibagira, azwi ku ndirimbo yiwe izwi cane WIBUKE USHIME yitavye Imana

Sylvana Ntiyibagira, azwi ku ndirimbo yiwe izwi cane WIBUKE USHIME yaritavye Imana mw’ijoro ryo ku wa kane rishira ejo ku wa gatanu. Indirimbo yiwe yaramenyekanye cane mu myaka ya 1980, akaba yararirimbanye n’abaririmvyi batandukanye bo mu murwi rurangiranwa witwa AMABANO.

Hagati aho, nk’uko bivugwa n’umwe mu baririmvyi amuzi, Sylvana Ntiyibagira ntiyigeze aja muri iyo mirwi y’abaririmvyi yari ikomeye nka za AMABANO, NAKARANGA, n’iyindi. Yari mu baririmvyi bakunda kuririmba ari bo nyene (solo).

Sylvana yavukiye mu Kabezi mu ntara ya Bujumbura mu mwaka wa 1965, akaba yatanguye kuririmba mu murwi w’abaririmvyi ba paroisse kubera yavuka mu muryango w’abakirisu, mu gasengero ka Irtyazo

Sylvana ahanura abaririmvyi ba kino gihe kwitonda bagategura neza indirimbo zabo kugira ngo koko bashobore gutanga inyigisho kubera, nk’uko yabivugiye mu kiganiro yari yahaye Radio Isanganiro ikorera mu Burundi, indirimbo za kino gihe usanga ata kanovera zigifise.

Sylvana asize aban batatu. Umviriza indirimbo yiwe WIBUKE USHIME

Ibindi bisa n’ibi