Lauren Etame Mayer yigeze gukinira Arsenal yizeye ko Mikel Arteta azosubiza iteka uyo murwi

Mikel Arteta Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mikel Arteta yahora ari icegera c'umumenyereza ca Man City, Pep Guardiola

Umunya Cameroun Lauren Etame Mayer, umwe mu bahoze ari abakinyi b'inyuma ba Arsenal kuva mu mwaka wa 2000 gushika 2007, avuga ko Arteta afise amateka akomeye muri uyo murwi, akibaza ko ashobora kuwushikana kure.

Arsenal yagenye uwigeze kuba kizigenza w'uwo murwi Mikel Arteta kiba umumenyereza wayo mu kiringo c'imyaka itatu n'igice iri imbere.

Uyo mumenyereza w'imyaka 37 yatsindiye ibikombe bibiri vya FA, mu kiringo c'imyaka itanu yamaze akinira uwo murwi wo mu gisagara ca Londres.

Mu kiringo c'imyaka itatu, Arteta yahora ari icegera c'umumenyereza wa Manchester City, Pep Guardiola.

Avugana n'abamenyeshamakuru, Arteta yavuze ati: "Ndubaha cane uyu murwi, iyaba ntumva ko nshoboye kandi niteguriye iki gikorwa, sinari kwicara kuri ino ntebe".

"Ico dukeneye ubu, ni kwihutira guhindura ibintu, tugatsinda inkino, kandi abakinyi bagasubira kugira ishaka".

Arteta amaze gusezera, Arsenal yaratwaye igikombe ca FA, ariko mw'ihiganwa rya 2016-17, Arsenal yisanze irangije ihiganwa itari mu mirwi ine ya mbere muri premier league, ibitari bwigere bishika kuva mu mwaka wa 1996.

Uwahoze akinira uyo murwi, Lauren Etame Mayer, yakiniye n'umurwi nserukiragihugu wa Cameroun, abona ko Arteta azoshobora gushikana uyo murwi kure.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Lauren Etame Mayer yakiniye Arsenal kuva 2000 gushika 2007

Mu kiganiro yagiranye na BBC, Arteta ahejeje kugenwa, Lauren yavuze ati:

"Arteta yaragize uruhara runini muri Arsenal. Yari kizigenza. Yaradukiniye umukino mwiza cane kandi ndamwipfurije kuroranirwa.

"Yarabaye umukinyi wo ku rwego rwo hejuru kandi ndizeye ko azokoresha ubumenyi bwiwe bwose maze mu minsi iri imbere tugasubira kubona Arsenal nk'umurwi w'igihangange mu Bwongereza".

"Ndamwipfuriza amahirwe, we n'umurwi wose".

Arteta afise igikorwa gihambaye c'ukuvyura Arsenal, ubu iri mu kibanza ca cumi mw'ihiganwa ry'Ubwongereza Premier League, aho mu nkino cumi, yashoboye gutsinda zibiri zonyene.