Tanzania : Igipolisi ntikivuga amakosa Tito Magoti na bagenziwe bagirizwa

Abantu bari bafise amakenga ko Titto Magoti yanyurujwe n'abantu batazwi Uwufise ububasha kw’isanamu TITTO MAGOTI/INSTAGRAM
Image caption Abantu bari bafise amakenga ko Tito Magoti yanyurujwe n'abantu batazwi

Igipolisi ca Tanzania cemeye ko cahagaritse Tito Magoti umukozi w'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, inyuma y'amakenga ko yoba yari yafashwe n'abantu batazwi.

Magoti ajejwe imigambi mw'ishirahamwe Legal and Human Rights Centre (LHRC), yafashwe n'abantu bariu bambaye impuzu za gisivire mu gatondo k'ejo.

Umukuru w'igipolisi mu gisagara ca Dar es Salaam Lazaro Mambosasa yabwiye BBC ko Titto na bagenziwe bane bahagaritswe "kubera ivyaha bagirizwa".

Hagati aho, Mambosasa ntiyasiguye ivyo vyaha yagirizwa, akavuga ko "amatohoza akibandanya kandi ko ivyo bagirizwa bidashoborta kumenyeshwa kubera imvo atashatse kuvuga".

Umukuru wa LHRC Anna Henga yabwiye BBC ko abantu bari bambaye impuzu za gisivire bashioka bane canke batanu bamuteye baramufata bamwinjiza ku nguvu mu modokari bamutwara ahantu hatazwi.

Umupfasoni Henga ati: "…yari yakubitiye i Mwenge kugura terefone, amaze kwururuka agatukutuku kari kamwunguruje yagiye abona abantu atazi bamufata baca baramutwara".

Uwariko atwara iyo tukutuku abonye ivyari bihejeje gushikira umukiriya wiwe, yaciye anyarukira muhira kwa Magoti abishikiriza umuryango wiwe, ari nawo wagiye kubimenyesha LHRC.

Henga yabwiye BBC ati: "Twaramaze kubimenyesha ku birindiro vy'igipolisi bitari bike mu gisagara ca Dar es Salaam, ariko nta kirindiro na kimwe yari arimwo".

BBC ikivugana na Mambosasa ubwa mbere, yari yavuze ko igipolisi ata makuru cari gifise yerekeranye "n'iryo hagarikwa ryiwe", ariko yemera ko agiye gukurikirana ico kibazo.