LGBT: Yaciriwe umunyororo w’imyaka 15 ku caha co kwiba ibendera ry’abahuza ibitsina babisangiye

Adolfo Martinez aremera ko ykoze ivyo kubera arwanya abahuza ibitsina babisangiye Uwufise ububasha kw’isanamu POLICE HANDOUT
Image caption Adolfo Martinez aremera ko ykoze ivyo kubera arwanya abahuza ibitsina babisangiye

Umucamanza yaciriye umunyororo w'imyaka 15 umugabo yagirizwa kwiba ibendera ry'abahuza ibitsina babisangiye ryari ku rusengero rwabo ruri hafi y'akabare k'abakobwa batamba bari gusa muri Amerika.

Adolfo Martinez w'imyaka 30 yaganiriye n'abamenyeshamakuru ari mu gasho, aho yiyemereye ko ari we yatwaye iryo bendera ryari ku rusengero rwa Ames United Church of Christ kubera urwanko afitiye abahuza ibitsina babisangiye.

Mu kwezi guheze, Martinez yaragirijwe ivyaha vy'urwanko, uguhohotera, gukinisha umucanwa no kwama mu vyaha vyo kwisubiriza mu makosa.

Icaha yagirizwa yagikoze mw'ijoro ryo ku wa 11 ukwezi kwa gatandatu mu gisagara ca Ames, mu ntara ya Iowa.

Igipolisi kimenyesha ko ivyo vyaha yabitanguriye mu kirabu kiri ahitwa Dangerous Curves, aho abapolisi bahamagawe babwiwe ko hari umugabo yariko arabatera ubwoba.

Bamaze gushika basanze abakozi b'ico kirabu bamaze kumuta hanze.

Amaze kuva muri ico kirabu, yaciye yinjira mu rusengero abo bantu bahuza ibitsina babisangiye basengeramwo aca amanura ibendera ryabo. Mu nyuma yarsubiye muri ico kirabu aca aturirira iryo bendera mw'ibarabara. Ntiyashizwe, yanagabishije ko ashobora guturira ako kabare.

Uyo mugabo yahavuye afatwa uwo munsi nyene, akaba yariyemereye ko yakoze ivyo vyaha.

Yabwiye televiziyo KCCI ati: "Numva ari iteka kuri jewe gukora ivyo kuko yari imihezagiro ivuye ku Mana. Nakoze ivyo kubera ngwanya abahuza ibitsina babisangiye".

"Mu yandi majambo, naturiye ico bahora bishimiriza".

Uwufise ububasha kw’isanamu GOOGLE MAPS
Image caption Urusengero rwa Ames United Church of Christ

Umupasitori w'urwo rusengero, umupfanosi Eileen Gebbie avuga ko ahuza igitsina n'abo bagisangiye, avuga ko ivyaha vyakozwe na Martinez bitumwa n'urwanko abafitiye.

Martinez amaze gufatwa mu kwezi kwa 11, umupfasoni Gebbie yabwiye ikinyamakuru Des Moines Register ati:

"Ndamaze kubona kenshi ko abantu bo muri kano karere ka Ames batajana n'iterambere nk'uko benshi bavyibaza, kandi hariho abantu benshi cane bakiri inyuma".

Umushikirizamanza Jessica Reynolds avuga ko Martinez ari we muntu wa mbere muri ako karere aciriwe urubanza rw'ivyaha bivuye ku rwanko.

"Ukuri kubabaje ni uko hari abantu barwanya abandi bakabakorera amabi kubera ivangura rishingiye ku rukoba, igitsina canke bivanye n'ivyo bemera ku vyerekeye uguhuza ibitsina".

"Iyo rero ivyo bishitse, ni ngombwa ko twebwe nk'ababanyagihugu duhaguruka kugira ngo abagirizwa ivyo vyaha bahanwe".