Pierre Nkurunziza ati: 'Inkoko mu guhona zicudika n'ibisiga'

Petero Nkurunziza ati: "Imyaka 15 irarangiye turi ng'aha, bavuza induru ngo turi mu makosa". Uwufise ububasha kw’isanamu @NtareHouse
Image caption Petero Nkurunziza ati: "Imyaka 15 irarangiye turi ng'aha, bavuza induru ngo turi mu makosa".

"Inkoko mu guhona zicudika n'ibisiga"

Uwo ni umugani yaciriye abajejwe inzego z'umutekano n'ukwivuna abansi mu gihe yariko abahanura ku wa gatanu, umunsi bariko bamwipfuriza umwaka mushasha.

Perezida Nkurunziza yashimiye igisirikare, igipolisi n'urwego rw'igendereza ku vyo avuga bakoranye kuva ashitse ku butegetsi kuva imyaka 15 igomba irangire.

Mu mwaka wa 2015, igisirikare carashoboye kurwanya akarwi k'abasirikare kateguye gutembagaza ubutegetsi bwa Perezida Nkurunziza igihe yari mu rugendo i Dar es Salaam muri Tanzania.

Mw'ijambo ryiwe yashikirije abari aho, Perezida Nkurunziza yasavye inzego z'umutekano n'ukwivuna abansi kubandanya bagendera ku ndero ya gisirikare, be no ku mpanuro yabahaye.

Ati: "Abatakurikije impanuro zanje ntitukiri kumwe".

Abasaba kurangwa n'ubutwari, bakirinda guhemuka n'ibibasamaza, basenyere ku mugozi umwe, bagire urunani rw'intamenwa, bugare "ibihengeri vyose umwansi yomeneramwo".

Amaze kubacira umugani w'inkoko n'igisiga, Perezida Nkurunziza yavuze ati:

"Tugiye gusozera uyu mwaka, ibisiga vyose mubizi".

"Nta mwansi n'umwe w'u Burundi atamenyekanye, yaba uwo hanze canke wo mu gihugu, kireste yikuye mu rutonde rw'abansi akabimenyesha abarundi, nico turindiriye".

"Mwirinde ibisiga rero".

Perediza Nkurunziza ntawe yadomye ko urutoke.

Hagati aho, leta y'u Burundi iherutse kwagiriza igihugu c'u Rwanda ko arico cahaye ibikoresho umurwi witwaje ibirwanisho uheruka gutera muri komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke, ibirego u Rwanda ruhakana.

Uwufise ububasha kw’isanamu RWANDA GOV
Image caption Imbere y'imvururu za politike mu 2015, abo bategetsi bompi, Paul Kagame (i bubamfu) na Petero Nkurunziza (i buryo) bari bashize hamwe

Ivyo bikiyongera kw'ijambo aherutse gushikiriza ikoraniro y'Inama Mpuzamakungu ijejwe akarere k'ibiyaga binini, CIRGL, aho yavuze ko kuva mu 2015 u Burundi bwatewe kenshi n'abitwaje ibirwanisho bavuye mu Rwanda no muri DR Congo.

Umubano hagati y'u Burundi n'u Rwanda waratosekaye kuva mu mwaka wa 2015 bivuye ku ngingo yafashe yo kwitoreza ikiringo abo batavuga rumwe bita ko ari ica gatatu, ariko we akacita ica kabiri yitorewe n'abanyagihugu.

Iyo ngingo yatumye haduka imyiyerekano yafashwe nk'imigumuko mu bice bimwe bimwe vy'igihugu cane cane mu gisagara ca Bujumbura.

Ku wa 13 z'ukwa gatanu 2015 mu gihe iyo myiyerekano yari ikomeye, akarwi k'abasirikare karongowe na Général Godefroid Niyombare karatangaje ko gatembagaje ubutegetsi bwa Perezida Nkurunziza, ariko igisirikare kikaba carakarwanije karatsindwa.

U Burundi bwamye bwagiriza u Rwanda ko ruhaye indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi be n'imirwi ihungabanya umutekano.

Ku ruhande rwarwo, u Rwanda narwo rwagiriza u Burundi ko buhaye indaro inyeshamba zishaka guhungabanya umutekano.

Impande zompi zibandanya zihakana ivyo zagirizanya.

Ibindi bisa n’ibi