Burundi: Abantu bashika 12 bahitanywe n’isegenya i Bujumbura

Abanyagihugu bavuga ko iyo mvura yatanguye kugwa hafi isaha zitandatu z'ijoro Uwufise ububasha kw’isanamu @BurundiSecurity
Image caption Abanyagihugu bavuga ko iyo mvura yatanguye kugwa hafi isaha zitandatu z'ijoro

Abantu 12 nibo bamaze kumenyekana ko bapfuye, abandi barenga 30 barakomereka kubera imvura y'isegenya yaguye mw'ijoro ryakeye mu gisagara ca Bujumbura.

Ubushikiranganji bw'umutekano bumenyesha ko hariho n'ibindi bintu vyononekaye harimwo n'amazu kubera uwo mwuzurira wabaye muri karitiye Nyabagere ya Zone Gihosha muri komine Ntahangwa, ni mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura.

Kuva mu kwezi kw'icumi, mu bihugu bimwe bimwe vya Afrika y'Ubuseruko no mu biyaga binini, imvura y'isegenya imaze iminsi ihitana abantu n'ibintu.

Alain Guillaume Bunyoni, umushikiranganji w'u Burundi ajejwe umutekano avuga ko uwo mwuzurira wavuye ku mvura y'isegenya yahitanye ibiti n'ibindi vyose yasanga mu nzira, bica bizibira inzira y'umugezi wa Cari.

Umugezi wa Cari ugabura ama karitiye Nyabagere na Winterekwa ya Zone. Avuga ko waciye wicira inzira, maze amazi yinjira mu mihana y'abantu, isitagura amazu, ironona n'amabarabara hamwe n'ibiraro bimwe bimwe.

Avuga ko abenshi mu bahasize ubuzima ari abana hamwe n'abashaje cane, abakomeretse nabo bakaba bariko baravurirwa mu mavuriro atandukanye y'igisagara ca Bujumbura.

Bwana Bunyoni yabwiye abamenyeshamakuru ko hampande ya karitiye Nyabagere, ama karitiye ya Buterere na Carama nayo nyene yatewe n'umwuzurira ariko ko hoho ata bantu bahasize ubuzima.

Bwana Bunyoni avuga ko abajejwe umutekano n'ababafasha bari mu bikorwa vy'ubutabazi bibandanya.

Uwufise ububasha kw’isanamu @BurundiSecurity
Image caption Alain Guillaume Bunyoni asaba abantu kwigira kure y'akarere kageramiwe

Kubera hari amazu y'abanyagihugu yabomotse, Bwana Bunyoni amenyesha ko bagiye kwihutira kuronderera ababomorewe amazu aho baba barakika umusaya.

Asaba kandi abanyagihugu begereye "uturere tugeramiwe ko botwigira kure"kugira ntibasubire kugira ibibazo muri iki gihe ivy'uwo mugezi bitaratungana, kandi biboneka ko hashobora kugwa iyindi mvura ata wuzi urugero rwayo.

No mu ntara ya Cibitoke isegenya yaraye ihitanye amazu n'imirima mu makomine ya Mabayi na Bukinanyana.

Muri iyo ntara nyene ku mutumba Nyampundu wa komine Mugina ibihomoka biherutse guhitana abantu 27, inzu 115 nazo zirabomorwa, abarenga 500 nabo basigara mu kangaratete bivuye ku mvura y'isegenya.

Imyuzurira ihitana abantu n'ibintu ntivugwa mu Burundi gusa.

Mu bihugu vy'akarere ka Afrika y'Ubuseruko havugwa abantu bashika 250 bahitanywe n'imyuzurira hamwe n'ibihomoka vyaturutse ku mvura y'isegenya yaguye kuva mu kwezi kw'icumi.

Mu ntango za kuno kwezi kwa 12, leta ya Kenya yonyene yatangaje ko abantu bashika 130 aribo bapfuye kubera ivyo biza.