Tottenham 0-2 Chelsea: Rudiger wa Chelsea avuga ko yatyojwe kubera ari umwirabure

Rigize kabiri mu ndwi zitatu gusa urukino rwa Premier League ruhagarara kubera ivangura rishingiye ku rukoba Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Rigize kabiri mu ndwi zitatu gusa urukino rwa Premier League ruhagarara kubera ivangura rishingiye ku rukoba

Ishirahamwe ry'abakinyi b'umupira w'amaguru mu Bwongereza (PFA ) risaba leta y'ico gihugu gukora amahotoza kw'ivangura rishingiye ku rukoba ryakorewe umukinyi wa Chelsea mu rukino rw'ejo ku wa Mungu .

Vyabaye ngombwa ko umuhagarikizi w'urwo rukino Anthony Taylor ahagarika urukino umwanya muto mu gice ca kabiri inyuma y'aho umukinyi w'inyuma wa Chelsea, umwirabure Antonio Rudiger amenyeshereje ko yariko yumva abantu bamuririmbira indirimbo zamwita ko ari inguge.

Tottenham ivuga ko "izofata ingingo zikomeye zishoboka" kandi ko izokora amatohoza "amatohoza akomeye".

Iyo ngendo y'ivangura rishingiye ku rukoba yagiye kwibonekeza inyuma y'aho umukinyi w'imbere wa Tottenham Son Heung-min aherewe ikarata itukura kw'ikosa yakoreye Rudiger n'ibigirankana.

Ibintu bikaba vyayangaye inyuma y'aho hari ibintu vyatewe umunyegori wa Chelsea Kepa Arrizabalaga.

Inyuma y'aho umuhagarikizi ahagarikiye urukino, hasohowe itangazo mu kibuga ryagabisha ko "hari ingendo y'ivangura rishingiye ku rukoba ririko rirahungabanya urukino".

Iryo tangazo ryasohowe incuro zitatu zose.

PFA ivuga ko yababajwe cane n'iryo tyozwa ryisubiriza mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, Premier League.

PFA ivuga iti: "Biraboneka ko abakinyi bariko bahura n'ingorane zikomeye z'ivangura rishingiye ku rukoba ririko rifata umurindi ukomeye mu Bwongereza, n'aho atari bo bonyene".

"PFA yifatanije umubabaro n'umukinyi wese ariko ahura n'ibibazo vy'ivangura. Kw'izina ryabo, tuzobandanya urugamba rwo kurwanya ako kabi".

"Football ni kimwe mu biranga Abongereza - hamwe n'isinzi ry'abakunzi bayo mu mpande zose z'isi, ni igikorwa cacu rero co kurwanya ako kabi ata kigongwe".

PFA isaba "ibigo vyose vya leta" hamwe "n'abo bose bafise uruhara mu mupira w'amaguru" gukorera hamwe kugira ngo bahangane, barwanye kandi barandurane n'imizi ityozwa rishingiye ku rukoba mu bibuga eka no mu bindi bisata vy'igihugu.

PFA isaba kandi leta gukora amatohoza ku bijanye n'ivangura rishingiye ku rukoba mu mupira w'amaguru.

Ku ruhande rwayo, Tottenham imenyesha ko izokorana na Chelsea n'abakinyi bayo kugira bihwereze hamwe ivyashikiye umukinyi wa Chelsea.

Mw'itangazo uyo murwi wasohoye, uvuga uti: "Ivangura iryo ari ryo ryose ntirishobora kwihanganirwa mu bibuga vyacu".

"Ivyabaye tugiye kubikorerako n'ishaka rinini kandi tuzofatira ingingo ruhasha umuntu uwo ari we wese azoboneka ko yagize inyifato nk'iyo, harimwo n'ukumubuza gusubira kwinjira mu bibuga".

Rudiger avuga ko ari ibintu bibabaje kubona hari abantu bakirangwa n'ivangura rishingiye ku rukoba mu rukino rw'umupira w'amaguru.

Ati: "Ni ibiterasoni kubona mu mwaka wa 2019 hacibonekeza ivangura rishingiye ku rukoba. None ubu bujuju buzohera ryari?"

Ivyashikiye Rudiger nijoro bibaye inyuma y'umwaka umukinyi wa Manchester City, Raheem Sterling na we nyene atyojwe kubera ari umwirabure kuri ico kibuga nyene ca Chelsea mu kwa 12 2018.

Ivyo vyatumye umufana wa Chelsea umwe afatirwa ingingo yo kutazigera asubira kwinjira mu kibuga".