Irak: Etat Islamique yoba 'iriko iragarukana inguvu'

Etat Islamique yaromowe muri Iraq inyuma y'intambara zamaze igihe kitari gito Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Etat Islamique yaromowe muri Iraq inyuma y'intambara zamaze igihe kitari gito

Hari ibimenyetso vyerekana ko umurwi Etat Islamique uvuga ko ushaka gushika ubutegetsi bushingiye kw'idini rya Isilamu uriko wiyubaka muri Iraq, inyuma y'imyaka ibiri womowe muri ico gihugu.

Abajejwe igendereza b'aba Kurde n'abanya Bulaya babwiye BBC ko ibitero vya Etat Islamique bigenda vyiyongera.

Abarwanyi bawo muri kino gihe bafise ubuhinga bwinshi kandi bateye ubwoba gusumba al-Qaeda, nk'uko bivugwa na Lahur Talabany, arongoye ikigo kimwe c'aba kurdes kijejwe igendereza.

Ati: "Bafise ubuhinga n'uburyo bwo kurwana bugezweho, kandi bafise amahera menshi cane".

"Bashobora kwigurira amamodoka, ibirwanisho, imfungurwa n'ivyamabarwa. Bazi n'ubuhinga bwa none. Ubu biragoye kubirukana mu gihugu".

Bwana Talabany arongoye ikigo Zanyari Agency, avuga ko muri kino gihe uwo murwi wongereje ibitero, kandi ko wahejeje kwiyubaka.

Ati: "Ubu tubona Etat Islamique itandukanye n'iyo twahora tubona, idafise intumbero yo kwigarurira uburere nk'uko vyari bimeze. Ahubwo abo barwanyi bakorera mu kinyegero mu misozi ya Hamrin muri Irak nk'uko bagenzi babo ba al-Qaeda bakora.

"Aho niho bagize ikirindiro cabo ubu. Ni akarere kagizwe n'imisozi y'urufatangane, kandi bikaba bigoye ko igisirikare ca Irak kikagenzura".

Bwana Talabany aragabisha ko imigumuko irangwa ku mugwa mukuru wa Irak, Bagdad, ishobora kuba akaryo keza ko kurondera abanywanyi mu ba Isilamu b'aba Suni, mu kubumvisha ko barenganijwe.

Vyongeye, ukutumvika kuri hagati ya Leta ya Irak na leta y'akarere k'aba kurde inyuma y'amatora yo kurondera ubwigenge bw'aba kurde mu 2017 kwabaye inyungu kuri Etat Islamique.

Mu buraruko bwa Irak hari akarere gasanzwe karwanirwa n'abajejwe umutekano b'aba kurde hamwe na bagenzi babo ba Iraq.

Nk'uko Bwana Talabany abivuga, ako karere kagenzurwa na Etat Islamique yonyene.

Generali-Majoro Sirwan Barzani arongoye ikirindiro kimwe gikorera muri ako karere avuga ko uruja n'uruza rw'abarwanyi ba Etat Islamique rwibonekeza iminsi yose hafi y'uruzi Tigre.

Nk'uko urwego rujejwe igendereza rw'ingabo z'aba Kurde rubivuga, ibitigiri vy'abarwanyi ba Etat Islamique vyariyongereye inyuma y'aho abarwanyi bashika ijana binjiriye bavuye muri Syria, harimwo n'abanyamahanga.

Abajejwe igendereza b'aba kurde bavuga ko Etat Islamique yobe ifise abanywanyi bashika 10.000 muri Irak, muri bo hagati ya 4000 na 5000 bakaba ari abarwanyi.

Lahur Talabany asaba amakungu kwama barikanuye.

Ati: "Uko bagenda boroherwa hano, niko bizoborohera gutegura ibitero hanze ya Irak na Syria".

Nta kubaha agahengwe

Umukuru w'ingabo za Amerika ziri muri ako karere, Jenerali William Seely, avuga ko Etat Islamique iriko igerageza kwiyubaka, ariko ko itoroherezwa n'abajejwe umutekano ba Irak hamwe n'aba kurde.

Ati: "Abajejwe umutekano ba Irak (ISF) n'aba Kurde baratandukanye n'igihe uyo murwi wigarurira Mosul. Twabandanije tubigisha, kandi ISF ibandanya ikora uko ishoboye kugira ngo Etat Islamique ntiyiterane intambwe".

Avuga ivyo afatiye ku bitero bishika 170 abajejwe umutekano ba Irak bakoze mu kwezi kumwe gusa, kuva hagati mu kw'icumi gushika hagati mukw'icumi na rimwe, aho banasambuye ibibombe 1700.

Wewe nta bwoba afise kuri Etat Islamique.

Avuga ko muri kino gihe abarwanyi bayo bagenda binyegeza mu myobo no mu bugaragwa "mu buryo ata muntu n'umwe yoshobora umwanya muremure", kandi ko badashobora gufata ingendo ari ikirwi kinini.

Ati: "Mu mezi atandatu maze hano, aho nababonye ari benshi bari hamwe bari 15", akavuga ko muri rusangi babaye benshi ari nk'umwe gusa.

Muri kino gihe, abo barwanyi baba mu kinyegero, bagakunda gusohoka mu gihe c'ijoro baza gukora ibitero binyegeje. Hagati aho, iterabwoba rigenda ryiyongera muri Irak kuva uyo murwi usubiye gutangura.

Ibindi bisa n’ibi