Umuyobozi wa Boeing yabogojwe ku ngorane za Max 737, ariko amakenga ntahera

Dennis Muilenburg Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Muilenburg yari yatakaje icizere, biba ngombwa ko abarongoye iyo kompanyi bafata ingingo yo kumubogoza.

Umuyobozi nshingwabikorwa wa Boeing, Dennis Muilenburg, yabogojwe muri ayo mabanga mu ntumbero yo kurondera kugarukana icizere kuri iyo kompanyi y'indege.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y'amasanganya ruhonyabantu abiri y'indege Beoing Max 737.

Abantu barenga 350 barapfuye muri ayo masanganya, Boeing ikagirizwa ko ishira imbere amahera aho kwitaho umutekano w'ingenzi.

Imiryango y'ababuriye muri ayo masanganya yakiriye neza ibogozwa rya Bwana Muilenberg bavuga ko ari ingingo yari irindiriwe cane.

Hagati aho, ingingo ya Boeing yo kumusubiriza n'uwundi amaze igihe akora muri iyo kompanyi yatumye abantu bibaza nimba koko Boeing ifise umugambi wo guhindura ibintu ku neza y'ingenzi.

Beoing yagenye David Calhoun yayikoramwo kuva mu 2009, kuba umuyobozi nshingwabikorwa n'umukuru wayo.

Paul Njoroge, yaburiye umugore wiwe, abana biwe batatu na inabukwe mw'isanganya rya Ethiopian Airlines mu kwa gatatu avuga ati:

"Muilenburg yatanze imihoho kandi ni intambwe nziza, ariko biragaragara ko Boeing ikeneye gutunganya gushasha ibijanye n'uburongozi bwayo".

Ati: "Bwana Calhoun siwe yari akwiye guhabwa uwo mwanya".

Nayo Zipporah Kuria yaburiye se wiwe muri iryo sanganya rya Ethiopian Airlines, avuga ko Bwana Muilenburg yategerezwa kuba yarasubirijwe "kuva kera", co kimwe n'abandi mubo bari basangiye kuyirongora.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Muilenburg yari yatakaje icizere, biba ngombwa ko abarongoye iyo kompanyi bafata ingingo yo kumubogoza.

Yabwiye BBC ati: "Jewe numva ko hari abakozi benshi bategerezwa kuba babogojwe, harimwo mbere n'uyu agenywe ngo ayirongore".

Eka na bamwe mu bategetsi ba Amerika ni uko nyene.

Senateri Richard Bumenthal avuga ati: "Iyo kompanyi ikeneye uburongozi bushasha bushobora kwitaho gusumba umutekano w'ingenzi".

Michael Stumo, yaburiye umukobwa wiwe Samya Rose mw'isanganya rya Ethiopian Airlines avuga ko iryo bogozwa ari "intambwe ya mbere nziza mu nzira yo gusubiza itoto Boeing nka kompanyi yitaho umutekano w'ingenzi".

Ati: " Ingingo ikurikira ni uko abakozi batari bake bakora nabi canke badafise ubuhinga bukwiye batanga imihoho".

Kuva habaye amasanganya abiri ya Boeing Max 737 mu kiringo c'amezi atanu, iya mbere muri Indonesia, iya kabiri muri Ethiopia, izo ndege zaciye zihagarikwa kw'isi yose kuva mu kwa gatatu uno mwaka.

Mu gihe iyo kompanyi yari yizeye ko ishobora gusubira kurekura izo ndege zigasubira mu kirere kuva mu mpera z'uno mwaka tugira turangize, abajejwe ingendo zo mu kirere muri Amerika bamenyesha ko badashobora guhuta bemerera izo ndege gusubira gukora.

Mu ndwi iheze, Boeing yatangaje ko ibaye irahagaritse gukora ubwoko bw'izo ndege.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Kompanyi zitandukanye kw'isi zarahagaritse ingendo z'indege za Boeing 737 Max

Bwana Calhoun azotangura gukora kuva ku wa 13 z'ukwezi kwa mbere umwaka buca dutangura wa 2020.

Ugutanga imihoho kwa Dennis Muilenburg kwaboneka, n'aho benshi batari bavyiteze.

Kuva ayo masanganya abiri abaye, yaraneguwe cane ingene yavyifashemwo.

Amatohoza yekerana ko yompi yavuye ku bibazo vy'ubuhinga bw'izo ndege butari bumeze neza.

Ariko bwana Muilenburg wewe yagumye avuga ko hari ibintu vyinshi vyatumye aba, bica biboneka ko yariko agerageza gusamaza be no kurondera kwikurako iceyi.

Akari ikora ni amayobera yabaye ku wa gatanu w'indwi iheze.

Iyo kompanyi yarungitse mu kirere ikigendajuru mu mugambi wayo wo kurondera kugira uruhara mu bijanye n'ukugenzura ikirere, ariko ico kigendajuru cari kirungitswe ubwa mbere cagize ibibazo vy'ubuhinga, bituma gita inzira.

Bwana Muilenburg yari yatakaje icizere, biba ngombwa ko abarongoye iyo kompanyi bafata ingingo yo kumubogoza.