CFA: Ibihugu vyahoze bitwarwa n’Ubufaransa vyahagaritse gukoresha iryo faranga

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike amwe amwe yari amaze imyaka itari mike isaba ko ifaranga rya CFA rifutwa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike amwe amwe yari amaze imyaka itari mike isaba ko ifaranga rya CFA rifutwa

Ibiguhu umunani vyakoreshwa ifaranga rya CFA vyumvikanye kurihagarika, ingingo ituma imigenderanire vyari bifitaniye n'Ubufaransa mu biraba amafaranga ihagarara.

Ivyo bihugu vyumvikanye ko bikora irindi faranga rizokwitwa Eco, ariko naryo nyene rikazoba rifitaniye ubucuti n'amafaranga y'amanyabulaya, Euro.

Iyo ngingo yatangajwe ku munsi wa gatandatu mu gihe umukuru w'igihugu c'u Bufaransa Emmanuel Macron yari mu rugendo muri ako karere.

Ku banyagihugu benshi bo mu karere ka Afrika y'Uburengero, ikoreshwa ry'ifaranga rya CFA mu masoko no mu mazu y'ubuguriro ryatumye ivyo bihugu bigumana imigenderanire y'ubukoloni n'u Bufaransa.

Abakinegura bavuga ko iryo faranga ryatumye ico gihugu kibandanya kinunuza ibihugu vyo muri ako karere inyuma y'aho bironkeye ubwigenge, kuko cabandanije gifise uburenganzira bwose ku butare bw'ako karere.

N'aho hari isekeza rimaze imyaka itari mike ryo kurwanya iryo faranga ryatanguye gukoreshwa kuva intambara ya kabiri y'isi yose irangiye, abahinga mu vyo ubutunzi baremeza ko CFA yatumye ubutunzi bw'ivyo bihugu budatirigana.

Bavuga ko imigenderanire n'ifaranga ry'Ubufaransa imaze igihe kirekire yatumye iryo faranga ry'ibihugu indwi vyahoze bitwarwa n'ico gihugu, hamwe na Guinea Bissau, ridata agaciro nk'uko vyagenze muri Zimbabwe.

Umukuru w'igihugu ca Cote d'Ivoire, Alassane Ouattara, avuga ko ingingo y'uguheba iryo faranga ari ingingo ntibagirwa kuri Afrika y'Uburengero.

Eka n'abandi banyapolitike bo muri ako karere barashimagiza iyo ngingo.

Hampande ya Cote d'Ivoire, iyo ngingo yerekeye ibihugu vya Benin, Burkina Faso, Guinea-Bissau, Mali, Niger, Senegal na Togo.

Mu mezi makeya ari imbere, ivyo bihugu bitegura ko bizoba bifise irindi faranga.

N'aho rizoba rifise ubucuti na Euro, ivyo bihugu vya Afrika y'Uburengero bizoba vyikuyeko ingingo yabitegeka ko igice c'amafaranga yavyo abikwa mu kigega c'Ubufaransa.

Abenshi mu banyagihugu b'ivyo bihugu umunani bafise imyaka iri musi ya 30.

Kuri bo, iyo ngingo ifise kuba ata kinini bayibonamwo.

Mu gihe yobazanira akarusho ikabatuma bagira ubuzima bwiza, niho bazobona ko ari ngirakamaro nk'iyibatuma biganzura ubukoloni.