Amerika yahagaritse umugambi kurungika imbwa zayo muri yorodania ya Misiri

Izo ntozo zikoreshwa mu mugambi wo kurwanya iterabwoba Uwufise ububasha kw’isanamu PRESS ASSOCIATION
Image caption Izo ntozo zikoreshwa mu mugambi wo kurwanya iterabwoba

Amerika imenyesha ko yahagaritse umugambi wo kurungika imbwa zifasha mu guhiga ibibombe mu bihugu vya Yorodania ya Misiri, inyuma y'aho hari zimwe muri zo zipfiriye kubera urwangara.

Umuvugizi w'ubunyamabanga bujejwe imigenderanire bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ati: "Imbwa imwe ipfuye iri ku rubuga ni ikintu kibabaje cane".

Icegeranyo casohowe na Amerika mu kwezi kw'icenda cerekana ko habaye urwangara mu kubungabunga intozo ijana zari zarungitswe muri Yorodaniya, Misiri n'ibindi bihugu umunani muri ino myaka.

Izo mbwa za Amerika zaronse inyigisho zidasanzwe, zatanzwe mu mugambi wo kurwanya iterabwoba.

Ibihugu vya Yorodania na Misiri gushika ubu ntaco biramenyesha kuri iyo ngingo.

Ejo ku wa mbere niho Amerika yatangaza ko ibaye irahagaritse irungikwa ry'izo ntozo. Umutegetsi wo mu bunyamabanga bujejwe imigenderanire bwa Amerika avuga ko iyo ngingo yafashwe kugira ngo ntihagire izindi zipfa.

Uyo mutegetsi ati: "Izo ntozo zifise igikorwa kidasanzwe mu kurwanya iterabwoba mu makungu no mu gukingira abanyamerika".

Hagati aho, uyo mutegetsi avuga ko izamaze kurungikwa muri Yorodaniya na Misiri zizoba ziragumyeyo muri kino gihe.

Ico cegeranyo cakozwe n'umugenduzi mukuru mu biro vy'umunyamabanga ajejwe imigenderanire wa Amerika, kivuga ko hari intozo yapfuye mu 2017 muri Yorodania kubera ubushuhe.

Izindi zibiri "zatahukanywe muri Amerika zimeze nabi cane", nk'uko ico cegeranyo kibivuga.

Uwufise ububasha kw’isanamu CANINE VALIDATION CENTER
Image caption Izi mbwa zibiri zakuwe muri Yorodania zirwaye indwara iturutse ku kugaburirwa nabi

Abategetsi ba Amerika bavuga ko "vyabaye ngombwa ko imwe muri zo ihohoshwa …iyindi nayo ikagaburirwa mu buryo budasanzwe kugira igarukane utuguvu …kubera yari yafashwe n'indwara iturutse ku kugaburirwa nabi".

Hari ikindi cegeranyo casohotse mu ntango za kuno kwezi kivuga ko hari izindi ntozo zibiri zari zarungitswe muri Yorodania zapfuye "mu buryo budasanzwe", imwe yishwe n'ubushuhe, iyindi yicwa n'imiti yica udukoko yapompwe n'igipolisi.

Yorodania nico gihugu kirungikwamwo izo ntozo, aho hamaze kurungikwamwo izishika 100.

Ico cegeranyo kandi kivuga ko mu mbwa 10 zari zarungitswe mu Misiri, zitatu muri zo zapfuye, imwe yishwe na kanseri yo mu gitigu, iyindi imeneka agasaho k'indurwe, iyindi nayo yicwa n'ubushuhe mu kiringo ca 2018-2019.