Papa Francis ati: 'Imana idukunda twese, n’aho woba uri umunyakibi ruhebwa'

Papa Francis mu misa yo mw'ijoro rya Noel kw'isengero rikuru i Vaticano ryitiriwe Umutakatifu Petero, 24/12/ 2019 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Papa Francis mu misa yo mw'ijoro rya Noel kw'isengero rikuru i Vaticano ryitiriwe Umutakatifu Petero, 24/12/ 2019

Papa Francis yahimbaje umunsi mukuru wa Noel avuga ko Imana idukunda twese - "Ninkozi z'ibibi ruhebwa".

Yashikirije iryo jambo imbere y'abantu ibihumbi n'ibihumbi bari mu gisabisho c'ijoro rya Noel kw'isengero rikuru i Vaticano ryitiriwe Umutakatifu Petero.

Ati: "Ufise kuba uri mu vyiyumviro bibi, ufise kuba warakoze ibi ruhebwa…ariko Imana ibandanya igukunda".

Hari bamwe babona ko yashikirije ayo majambo afatiye ku mabi yagirizwa bamwe mu barongoye Ekleziya Katolika, harimwo ibijanye n'ugufata ku nguvu, nk'uko bishikirizwa n'umumenyeshamakuru wa BBC.

Mu masaha yo ku mugoroba, Papa Francis aza gusubira mw'iyo sengero y'Umutakatifu Petero i Vaticano aho nk'uko vyama aza gushikiriza isi yose ijambo rya Papa risanzwe ryitezwe.

Mu bitavye iyo misa harimwo abana batowe mu bihugu, harimwo nka za Venezuela, Irak na Uganda.

Umumenyeshamakuru wa BBC i Roma, Mark Lowen, avuga ko vyerekana ko Papa afise ku mutima abakatolika baharurwa mu muliyaridi 1 n'ibice bitatu kw'isi, ashimikiye cane cane ku ngorane zihanze abimukira n'abari mu ntambara kw'isi yose.

Ijambo rya Papa rivuga iki?

Uyo mu papa w'imyaka 83 akomoka muri Argentine yavuze ati: "Noel itwibutsa ko Imana ibandanya itwereka urukundo idufitiye, n'aho twoba turi abanyavyaha ruhebwa. Kuri jewe, ku muntu uwo ari we wese, uno munsi itubwira iti: 'Ndagukunda kandi nzokwama ndagukunda, kuko mu maso yanje uri ngirakamaro'".

Imana ntigukunda kubera wiyumvira ugakora ivyiza. Igukunda ataco irabiyeko, vyonyene gusa. Urukundo rwayo ntiruva ku kungene umeze".

Papa yanacishijemwo n'ibijanye n'amabi avugwa muri Ekleziya, hamwe n'isesagurwa ry'umutungo wa Ekleziya.

Ati: "Nimba hari ibitagenda neza mu buzima bwacu, nimba hari ibitagenda neza muri Ekleziya, n'aho hoba ibibazo bimeze gute kw'isi, ivyo ntibizotubera inyendamuvano".

Ibivugwa muri Ekleziya

Kuva mu bisagara vya Australia gushika mu mashure muri Irlande eka mbere no mu bisagara vya Amerika, Ekleziya Katolika yarahuye n'ibibazo vy'abayirongoye bagirizwa gufata ku nguvu abana kuva mu myaka mirongo iheze.

Hari ibirego bikomeye n'abantu batanga ivyemezo vy'ivyo vyaha vyavuzwe cane mu matohoza abandanya akorwa.

Mu biheruka, umukardinali wa Australia George Pell yarakubiswe intahe mu gahanga na sentare ko yafashe ku nguvu uduhungu tubiri two mu gisagara ca Melbourne muri Australia mu 1996.

Uyo mukardinali yanahoze ajejwe ubutunzi i Vaticano - bisigura ko yaboneka nk'umutegetsi agira gatatu muri Ekleziya - niwe mutegetsi mukuru wa Ekleziya muri Australia yagirijwe ico caha.

Mu ndwi iheze, Papa yarakoze impinduka zikomeye cane mu guhindura ibijanye "n'ibanga ry'ubupapa" ryatumye ivyo guhohotera abana vyakorwa n'abategetsi ba Ekleziya bisasirwa indava muri kahise.

Imbere y'aho, Ekleziya yaragira ibanga ibijanye n'ugufata abana ku nguvu, mu vyafatwa ko kwari ukugerageza kugumiriza ibanga ababikorewe n'ababikoze.

Ariko, ingingo nshasha yarakuyeho izo nzitizi zahora zibuza abantu kumenyesha ivyababayeko, canke ababibakoreye.

Papa Francis agize iminsi atoroherezwa kuko hari benshi bamusaba gufata ingingo ruhasha kugira ngo arwanye ako kabi kiziziye Ekleziya muri ino myaka ya vuba.