Umugabo w’ubwanwa bwinshi yivye amahera mw’ibanki, aca ayagaburira abantu, aririmba ati ‘Noel nziza’

David Wayne Oliver Uwufise ububasha kw’isanamu COLORADO SPRINGS POLICE

Umugabo w'ubwanwa bwinshi yagiye mw'ibanki yiba amahera iminsi ibiri imbere ya Noel, aca ayasanzasa hose ari mu munezero udasanzwe yipfuriza abahita bose Noel nziza.

Igipolisi kivuga ko "umutama w'umuzungu" yivye ibanki Academy Bank ya Colorado Springs ku munsi wa mbere ku murango.

Umwe mu babibonye, Dion Pascale, yabwiye ikinyamakuru Colorado's 11 News ati: "Yaragiye mw'iyo banki yiba amahera, arasohoka, aca asanzaza ayo mahera hose".

"Jewe nabonye asokorora ayo mahera ayakura mu gasaho kiwe, hanyuma nza numva ngo, 'Noel nziza!'"

Abamubonye bavuga ko uyo mugabo yaciye aja kuri restaurant ya Starbucks iri hafi yaho, yicara imbere yayo arindiriye ko baza kumufata.

Mu munezero udasanzwe, bivugwa ko abariko birenganira aribo begeranije ayo mahera yose yari asanzaye mw'ibarabara baca bayasubiza muri iyo banki.

Igipolisi ca Colorado Springs kivuga ko uyo mugabo azwi kw'izina rya David Wayne Oliver, akaba afise imyaka 65.