Burkina Faso: Abagore benshi bagandaguwe n’inyeshamba

Umusirikare wa Burkina Faso ari kw'irondo mui gisagara ca Soum Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Umusirikare wa Burkina Faso ari kw'irondo mui gisagara ca Soum

Abikekwa ko ari abarwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu bishe abantu 35, muri bo abagore 31, mu gitero bakoze ku kirindiro c'abasirikare muri Burkina Faso, nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Bavuga ko abasirikare indwi hamwe n'abarwanyi 80 bishwe igihe igisirikare cariko kirasubiza inyuma ico gitero cabaye nijoro mu gisagara ca Arbinda, mu ntara ya Soum iri mu buraruko bw'ico gihugu.

Umukuru w'ico gihugu co mu burengero bwa Afrika, Roch Marc Christian Kabore, yatangaje ikigandaro c'iminsi ibiri mu gihugu cose.

Gushika ubu nta murwi n'umwe uriyitirira ico gitero.

Ico gitero "cari gikomeye mu buryo butamenyerewe" camaze amasaha atari make nk'uko bivugwa n'igisirikare ca Burkina Faso.

Umuvugizi wa leta y'ico gihugu, Remis Dandjinou, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko "mu gihe bariko barahunga, abo barwanyi bagandaguye bunyamaswa amanyagihugu 35, harimwo abagore 31, bongera bakomeretsa abandi batandatu".

Mu ntango za kuno kwezi, abantu bashika 14 barishwe inyuma y'aho akarwi k'abantu bitwaje ibirwanisho katera mu rusengero rwo mu buseruko bw'ico gihugu.

Ibitero vy'imirwi igendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu vyariyongereye kuva mu mwaka wa 2015.

Inyuma y'imyaka itari mike ico gihugu gisa n'igitekanye, Burkina Faso iri mu ngorane zidasanzwe kubera imigumuko ikomeye yadutse hagati mu gihugu, hamwe n'intambara y'abarwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vya Isilamu muri Mali.

Abantu baharurwa mu majana baragandaguwe muri uno mwaka, abandi hafi umuliyoni barata izabo.

Burkina Faso yarandukiwe n'intambara yo mu gihugu kibanyi ca Mali, aho iyo mirwi ya ki isilamu ifatiye akarere k'uburaruko bw'ico gihugu mu 2012, mu nyuma abasirikare b'abafaransa bakabomora.

Ibindi bisa n’ibi