BBC Gahuzamiryango yabateguriye amwe mu makuru makuru makuru yavuzwe cane mu Burundi

BBC Gahuzamiryango yabateguriye amwe mu makuru makuru makuru yavuzwe cane mu Burundi

Mu makuru yavuzwe cane muri politike harimwo umugambwe CNL kwemererwa gukorera ku mugaragaro kuva ku wa 14 z'ukwezi kwa kabiri, n'ibibazo wagiye ugira kuva wemerewe, nk'ukuburabuzwa mu bikorwa vyawo, abanywanyi bawo guhohoterwa n'ingoro zawo kwononwa.

Hari kandi abanyepolitike bari bahurikiye mu runani CNARED babandanije barondera urubuga rwa politike.

Haravuzwe kandi iyinjirwa ry'ingoro nshasha y'umukuru w'igihugu yataziriwe NTARE HOUSE, ryajanye n'amazina mashasha yahawe ibibanza bikomakomeye, harimwo ikibuga cahoze citwa Stade Prince Louis Rwagasore cahinduwe kikitwa Stade Intwari, ikibuga mpuzamakungu c'indege citiriwe Melchior Ndadaye n'ibindi.

Mu biraba agateka ka muntu, haravuzwe ibiraba umurwi ujejwe gukora amatohoza ku Burundi watanze icegeranyo cawo i Génève, icegeranyo kirega u Burundi ko bubandanya burangwamwo ihungabanywa ry'agateka ka zina muntu.

Haravuzwe cane kandi ibijanye n'ihungurwa ry'impunzi ziri muri Tanzania, aho ishirahamwe HCR ryagirijwe ko ridindiza ico gikorwa, mu gihe hari n'impunzi ubwazo zavuga ko zitashaka gutaha, zikabona ko hari umugambi wo gushaka kuzihungura ku nguvu. HCR yoyo ibandanya ishimangira ko igikorwa c'ugutahukana izo mpunzi cokorwa ku bushake bwazo.

Mu butungane kandi haravuzwe ububanza rw'abagirizwa kugandagura umukuru w'igihugu Melchior Ndadaye ku wa 21/10/1993, aho hakaba harimwo majoro Petero Buyoya yahoze arongoye u Burundi.

Mu butungane nyene harabandanya havugwa urubanza rw'abamenyeshamakuru b'ikinyamakuru IWACU batawe mu mvuto bari gukurikirana igitero c'inyeshamba zari zateye muri komine Musigati y'intara ya Bubanza. Leta ivuga ko bafise uruhara muri ico gitero, ariko bobo babandanya bamenyesha ko bahagaritse bariko bakora akazi kabo ko gutohoza amakuru. Mu ntahe y'icese iheruka, umushikirizamanza wa Repubulika akaba yabasabiye gupfungwa imyaka 15, ibikoresho vyabo navyo bigashirwa mu minwe ya leta.

Muri ico gisata co kumenyesha amakuru nyene, haravuzwe cane iyugarwa ry'amaradiyo, BBC na Voice of Amerika mu Burundi.

Mu biraba inkino, haravuzwe umurwi nserukiragihugu w'u Burundi, Intamba mu Rugamba waronse, ubwa mbere mu mateka y'umupira w'amaguru mu Burundi, itike y'ukwitaba inkino za nyuma z'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika mu mupira w'amaguru zabereye mu gihugu ca Misiri .

Mu vyo umutekano, haravuzwe cane igitero cabaye ku kirindiro ca gisirikare c'i Marura muri komine Mabayi y'intara ya Cibitoke, kigahitana abasirikare batari bake mw'ijoro ryo ku wa 16 rishira uwa 17 z'ukwezi kwa 11, igitero cagirijwe Leta y'u Rwanda. Canatumye imigenderanire mibi isanzwe iri hagati y'ibi bihugu vyompi iba mibi gusumba. Aho hari haciye iminsi havuzwe igitero c'umurwi w'abitwaje ibirwanisho wari wateye muri komine Musigati y'intara ya Bubanza ku wa 22 z'ukwezi kw'icumi.

Ikindi cavuzwe cane cane muri ino mpera y'umwaka ni ibiza vy'imvura vyahekuye ama karitiye amwe amwe yo mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura n'ahandi. Abantu bashika 15 barahitanywe n'imvura y'isegenya ku w'Interekwa mw'ijoro ryo ku wa 21 z'uku kwezi kw'icumi na kabiri. Nti bwari bwo bwa mbere kuko mu ntango z'uno mwaka nyene abandi bantu bashika batandatu bahitanywe n'isegenya muri Kanyosha. Si i Bujumbura gusa imvura nyinshi yakoze ibara kuko no mu ntara ya Cibitoke haravuzwe isengenya yahitanye abantu n'ibintu. Umviriza amakuru aramvuye aho hejuru.