Sudan: Sentare yaciriye igihano co gupfa abishe uwari mu myiyerekano

Igihe urubanza rwariko ruracibwa, abantu isinzi bari bagandagaje imbere ya sentare Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igihe urubanza rwariko ruracibwa, abantu isinzi bari bagandagaje imbere ya sentare

Sentare yo mu gihugu ca Sudani yaciriye urubanza rw'ugupfa abakozi 29 bo mu gisata c'igendereza bagirirwa iyicarubozo n'iyicwa n'umwigisha.

Ahmad al-Khair w'imyaka 36 yapfiriye mu gasho mu kwezi kwa kabiri inyuma y'aho afatiwe kubera yitabiriye imyiyerekano yo kwiyamiriza leta y'uwahora ari umukuru w'ico gihugu, Omar al-Bashir.

Urwo ni urubanza rwa mbere ruciriwe abagize uruhara mu gukubagura abari muri iyo myiyerekano yamaze amezi atari make atuma Bwana Bashiri abogozwa ku butegetsi.

Ubushingwamanza buvuga ko igihano c'urupfu kuri abo bantu arico gihano kibereye.

Urwo rubanza rumaze gusomwa, umucamanza yabajije mwenewabo wa al-Khair, Sa'd, nimba abona ko abo bantu 29 bobabarirwa - ariko yishuye ko ashaka ko bicwa.

Umwunganirizi w'abo bantu muvyo amategeko avuga ko azokwunguruza urubanza.

Sentare yasanze Ahmad Al-Khair yarakubiswe, anaborezwa igufa n'abari barongoye agasho ko mu ntara ya Kassala gushika asandabe.

Urubanza rwa Al-Khair rwarakurikiranywe cane muri Sudani, ni mu gihe ihagarikwa ryiwe ryatumye imyiyerekano yo kwiyamiriza bwana Bashi ikomera.

Igihe urubanza rwariko ruracibwa, abantu isinzi bari bagandagaje imbere ya sentare ya Omdurman ku mugwa mukuru Khartoum kugira biyumvire urwo bamucira.

Abantu bashika 170 nibo bahasize ubuzima igihe abashigikiye ubutegetsi bariko barwanya iyo myiyerekano yo kwiyamiriza Bwana Bashir yahavuye akurwa ku butegetsi n'igisirikare.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Iyicwa ry'uwo mwigisha ryatumye imyiyerekano ifata iyindi sura

Mu ntango za kuno kwezi, yaraciriwe umunyororo w'imyaka ibiri yagirizwa igiturire.

Sentare yategetse ko ico gihano akirangiriza mu citwa ikigo c'uguhindura imibereho kubera ashaje cane.

Uwo rubanza rwari rwerekeye amahera angana n'imiliyoni 25 z'amadolari y'abanyamerika yahawe n'igikomangoma wa Arabia Saoudite Mohammed bin Salman.

Bwana Bashir yavuze ko ayo mahera yari yayahawe nk'agashirukabute n'umuryango w'ico gikomangoma.

Bwana Bashiri arashobora kwagirwa n'ibindi vyaha, harimwo ibifitaniye isano n'itembagazwa ry'ubutegetsi mu mwaka wa 1989 ariryo ryamushikanye ku butegetsi, ihonyabwoko no kwica abari mu myiyerekano.