AFRICOM: America imenyesha ko yatakaje abantu batatu mu gitero ca Al-Shabaab muri Kenya

Mu 2008, Leta ya Amerika yashize al-Shabaab ku rutonde rw'imirwi y'iterabwoba. Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu 2008, Leta ya Amerika yashize al-Shabaab ku rutonde rw'imirwi y'iterabwoba.

Abategetsi b'ingabo za Amerika zikorera muri Afrika (AFRICOM) bamenyesha ko batakaje umusirikare umwe n'abandi bakozi babiri mu gitero giheruka cakozwe na Al-Shabaab muri Kenya.

Mw'itangazo yasohoye, Africom imenyesha ko abandi bantu babiri bakomeretse.

Umuhari Al-Shabaab wowo umenyesha ko muri ico gitero cabaye ku kirindiro citwa Simba wishe abasirikare ba Amerika 17 n'abandi ba Kenya icenda, iturira indege indwi n'imodoka za gisirikare zitanu.

Ejo ku wa Mungu mu gaturuturu, abarwanyi b'umuhari ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu, Al-Shabaab, barateye ikirindiro kiri ahitwa Lamu gituwemwo ingabo za Amerika na Kenya.

Mw'iryo tangazo, AFRICOM itangaza ko catangujwe n'igisasu c'ubwiyahuzi cakurikiwe n' amasasu y'inkoho ntonto.

Africom ivuga ko abo barwanyi binjiye gatoya mw'ikambi yayo ariko ko ingabo za Kenya n' iza amerika zaciye zibasubiza inyuma.

Ikinyakamuru Assiciated Press ca Amerika catangaje ko indege zibiri, kajugujugu zibiri n'amamodoka atari make yaturiwe muri ico gitero.

Imbere y'aho, ingabo za Kenya zari zatangaje ko zatoye ibiziga bitanu vy'abo barwanyi.

Umumenyeshamakuru w'ijwi rya Amerika yerekanye kuri Twitter amasanamu yariko akwiragizwa na Al-Shabaab binjiye mw'iyo kambi.

Amerika imenyesha ko izobandanya ikurikirana abagize uruhara muri ico gitero hamwe na Al-Shabaab, barondera kugirira nabi Abanyamerika n'inyungu za Amerika.

Africom iti: "Tuzobandanya kurwanya Al-Shabaab ntironke agahengwe ngo itegure ibitero ku Banyamerika, ku banyagihugu ba Afrika y'Ubuseruko hamwe no ku ncuti za Amerika".

Abategetsi bakuru ba Al-Shabaab bariyemeje ko bazokwama bunze ubumwe n'umuhari al-Qaeda, bakaba bavugwa ko baronkejwe inyigisho muri uyo muhari, mbere bakaba baranarwanye muri Afghanistani.

Mu 2008, Leta ya Amerika yashize al-Shabaab ku rutonde rw'imirwi y'iterabwoba.

Itangazo rya AFRICOM rimenyesha ko Al-Shabaab yipfuza gukora ibitero ku butaka bwa Amerika be no ku banyamerika aho bari hose, ariko ko ibitero vya Amerika kuri uyo muhari bitawukundiye.

Ibindi bisa n’ibi