Kenya: Umupasitori yishe umugore wiwe nawe aca ariyica bapfuye uburongozi bw'urusengero

Elisha Misiko n'umugore wiwe, Ann Mghoi, bari baratandukanye bapfa uburongozi bw'urusengero 3 G bafatanije gushinga
Image caption Elisha Misiko n'umugore wiwe, Ann Mghoi, bari baratandukanye bapfa uburongozi bw'urusengero 3 G bafatanije gushinga

Umupasitori wo muri Kenya yatangaje abakirisu igihe yacumita umugore wiwe nawe aca ariyica bari gusenga ejo ku wa Mungu, mu rusengero bafatanije gushinga mu gisagara ca Mombasa.

Abakirisu bari muri urwo rusengero babwiye abamenyeshamakuru ko Elisha Misiko yari yicaye mu kibanza c'imbere, igihe umugore wiwe nawe, Ann Mghoi, yari kuri arutari ariko arasigura.

Niho umugabo wiwe Misiko yamusangayo n'imbugita yari yanyegeje mw'ishati yari yambaye amucumita mu mugongo.

Uyo mugabo n'umugore bapfa uburongozi bw'urwo rusengero rwitwa 3 G (Grounds for God's Gospel).

Umwe mu bakirisu basengera muri urwo rusengero ati: "Twebwe twibaza ko cari ikintu yari agiye kumubwira, kumbe yari agiye kumucumita imbugita".

Uwundi ati: "Uyu mugabo yari yarubakanye n'uyu mupfasoni arongoye uru rusengero, ariko bari barahukanye. Yari amaze kumutera ubwoba incuro nyinshi, kandi yari yanavuze ko azokora ivyo yakoze uno munsi".

Ahejeje kumucumitaniho nawe yaca yicumita mu nda, agerageza no kwikata izosi, mu gihe abakirisu bari bagiye gutabara.

Uyo mugabo yaciye apfa ubwo nyene, mu gihe umugore wiwe yagiye gupfira mu bitaro.

Uyo mugabo n'umugore bari baratandukanye bapfuye uburongozi bw'urusengero, aho umwe wese yashaka kuba ari we mukuru, nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru Daily Nation.

Rwari rusigaye ruyobowe n'umugore, ivyo Pasitori Misiko, umugabo wiwe, atashaka kwumva.

Ibindi bisa n’ibi