Kenya na Nigeria mu bihugu bikunda Donald Trump

Donald Trump yaragirijwe ko yise ibihugu vya Afrika "imisarani"

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Donald Trump yaragirijwe ko yise ibihugu vya Afrika "imisarani"

Kenya na Nigeria biri mu bihugu bifise abantu benshi bakunda Perezida Donald Trump wa Amerika, nk'uko vyerekanwa n'icigwa cakozwe n'ikigo Pew Research Center co muri Amerika gikora amatohoza mu bice bitandukanye vy'igihugu.

Ayo matohoza yari afise intumbero yo kuraba ingene isi yiyumvira Perezida Trump.

Yerekana ko ibice 65 vy'abanyagihugu ba Kenya bakozweko ayo matohoza bakunda Perezida Trump, mu gihe muri Nigeria bagera ku bice 58% n'aho igitigiri cakorotse gato.

Ivyo bimeze uko n'aho mu minsi iheze hari amafuti Bwana Trump yakoze - harimwo gufata ibihugu vya Afrika akavyita ko ari "imisarani".

Ivyo bihugu bibiri biri mu bindi 33 vyakozweko ayo matohoza Amerika ubwayo itarimwo, hagati y'ukwezi kwa gatanu n'ukwezi kw'icumi umwaka uheze wa 2019.

Ico kigo kandi cerekana ko hari n'ibindi bihugu vyo musi y'ubugaragwa bwa Sahara bivuga neza Amerika, mu gihe akarere ka Afrika y'Uburaruko kari mu bihugu biterekwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Kenya na Nigeria biri mu bihugu bironswa imfashanyo nyinshi na Amerika nk'uko vyemezwa n'ikigo Security Assistance Monitor kijejwe kwihweza ibijanye n'imfashanyo ya Amerika kw'isi mu biraba umutekano no kwivuna abansi.

Umukuru w'igihugu ca Nigeria, Muhammadu Buhari, niwe mukuru w'igihugu wa mbere ava mu karere ka Afrika yo musi y'ubugaragwa bwa Sahara yakiriwe mu biro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika, Maison Blanche, mu 2018.

Hambavu y'ivyo, ubutegetsi bwa Trump bwaragurishije indege 12 za gisirikare muri Nigeria, mu buryo bwo guhindura politike ya Obama.

Hagati aho, ico cigwa cerekana ko urugero rw'ibihugu bivuga neza Amerika rwagabanutse cane igihe Trump ashika ku butegetsi kandi ko ruri hasi cane ugereranije n'igihe Perezida Obama yari ku butegetsi.