Ibihugu vya Sahel bisaba Ubufaransa kubandanya kubafasha kurwanya intagondwa

Abakuru b'ibihugu vya Sahel n'Ubufaransa bumvikanye gushira hamwe inguvu kugira barwanye imirwi yitwaje ibirwanisho muri ako karere Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakuru b'ibihugu vya Sahel n'Ubufaransa bumvikanye gushira hamwe inguvu kugira barwanye imirwi yitwaje ibirwanisho muri ako karere ka Afrika y'uburengero

Ingingo zikomeye zafatiwe mu nama yahuje Ubufaransa n'ibihugu vyo mu karere ka Sahel, bise G5 Sahel-France, yarangiye ejo ku wa mbere mu karere ka Pau kari mu bumanuko bw'Ubufaransa.

Muri iyo nama, abategesti b'ibihugu vy'akarere ka Sahel bategerezwa kumenyesha aho bahagaze ku biraba ingabo z'Ubufaransa zarungitswe muri ako karere ko mu burengero bwa Afrika.

Iyo nama yarangiye abo bategetsi bateye igikumu kw'itangazo basohoreye hamwe, bavuze ko bipfuza y'uko Ubufaransa bwobandanya bufasha mu vya gisirikare muri ako karere gahanganye n'intagondwa.

Emmanuel Macron n'abatumire biwe bamenyesheje ko bashinze "urunani rwa Sahel", baca bumvikana ko bagiye gushira hamwe inguvu mu kwigisha cane cane ingabo z'ibihugu vya Sahel.

Barasavye kandi ibindi bihugu ko vyoterera agacumu k'ubumwe muri urwo runani.

Iyo nama yahuriyemwo Emmanuel Macron n'abakuru b'ibihugu Mahamadou Issoufou (Niger) ,Idriss Déby (Tchad), Roch Marc Christian Kaboré (Burkina Faso), Ibrahim Boubacar Keïta (Mali) na Mohamed Ould Cheikh El Ghazouani (Mauritania)

Ubufaransa bwatangaje ko bugiye kurungika izindi ngabo 220 zizoba zigiye gutera intege ingabo zishika 4,500 zihuriye mu rugamba bise Barkhane rwo kurwanya izo ntagondwa muri ako karere.

Bwana Macron n'abo bakuru b'ibihugu bagenziwe bo mu karere ka Sahel bipfuza gukorera hamwe mu bikorwa vya gisirikare, mu gushira izo ngabo zose hamwe mu karere gahuriyemwo ibihugu vya Mali, Niger na Burkina Faso bihanzwe n'imirwi y'iterabwoba.

Abantu baharurwa mu majana baramaze kwicwa n'imirwi yitwaje ibirwanisho muri ako karere. Igikorwa cihutirwa nk'uko abo bategetsi bavyumvikanyeko ni ukurwanya umuhari Etat Islamique ukorera mu karere ka Sahara (EIGS).

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ubufaransa bufite ingabo zishika 4,500 muri Sahel

Barafashe kandi n'ingingo y'ukugarukana ubutegetsi bwa leta mu burere burangwamwo uruhagarara, cane cane muri Mali.

Iyindi nama yitezwe mu kwa gatandatu uno mwaka i Nouakchott muri Mauritania aho bazokwihwereza hamwe aho bazoba bageze mu gushira mu ngiro ivyo baraye bumvikanye.

Iyo nama ibaye inyuma y'aho mu ndwi iheze abasirikare hafi 90 biciwe muri Niger, mu gitero cakozwe kw'ikambi ya gisirikare iri ahitwa Chinagoder ku rubibie Niger ihana na Mali.

Mu kiringo c'ukwezi, ico gihugu catakaje abasirikare bashika 174 mu bitero bitatu bitandikanye.