Kenya: Abigisha bo mu buseruko basaba inkoho n'inyigisho za gisirikare ngo birarire

Igitero co ku wa mbere i Garissa cahitanye abigisha batatu
Image caption Igitero co ku wa mbere i Garissa cahitanye abigisha batatu

Sendika imwe y'abigisha muri Kenya isaba ko abigisha bakorera mu burere businzikajwe n'ibitero vy'intagondwa bohabwa inyigisho za gisirikare n'inkoho kugira bikingire.

Abarongoye sendika Kenya National Union of Post Primary Education Teachers (Kuppet) basohoye itangazo inyuma y'umubonano bagiranye n'abigisha bahunze inyuma y'igitero co ku wa mbere mu karere ka Garissa.

Abigisha batatu barishwe muri ico gitero.

Umunyamabanga mukuru w'iyo sendika, Akelo Misori, avuga ko abapolisi barungitswe ku mashure ari mu buseruko bw'ico gihugu badakwiye, arico gituma n'abigisha bakeneye guhabwa inkoho.

Avuga ko ibitero nka vyose biba mw'ijoro abapolisi bamaze kuva ku mashure.

Ikigo ca leta kijejwe gutanga akazi ku bigisha, TSC, carasohoye itangazo aho ciyamiriza ico gitero, kinamenyesha ko kiriko gikorana n'ibigo bijejwe umutekano kugira ngo ucungerwe gusumba.

Mu ntango z'ino ndwi abigisha barenga 150 bagiye kwugariza ikigo TSC basaba ko bokurwa mu karere k'ubuseruko bwa Kenya nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru Daily Nation.

Ibindi bisa n’ibi