Iran yiyamiriza ayandi masezerano na Trump asubirira ayo mu 2015

Perezida Hassan Rouhani avuga ko ibihugu vy'Ubulayi bitegerezwa gusubira kwubahiriza ivyo vyiyemeje Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Perezida Hassan Rouhani avuga ko ibihugu vy'Ubulayi bitegerezwa gusubira kwubahiriza ivyo vyiyemeje

Hassan Rouhani wa Irani ariyamiriza ibisabwa n'umushikiranganji wa mbere w'u Bwongereza Boris Johnson ko hoba ayandi masezerano na Trump ku mugambi wayo w'uguhingura ubutare bw'ubumara.

Bwana Johnson avuga ko afata nka nkama ivyavuzwe na Trump, aho abona ko amasezerano yo mu 2015 afise "akanenge", aca asaba ko yosubirwamwo.

Bwana Rouhani wewe agabisha ko "ivyo Trump yakoze vyose kwabaye ukurenga ku vyo yiyemeje".

Perezida Trump yivumbuye muri ayo masezerano mu 2018 aca asubizaho ibihano Amerika yari yafatiye Irani, mu ntumbero yo kuyigondoza ngo isubire mu bindi biganiro kugira haboneke amasezerano mashasha.

Trump yipfuza ko ayo masezerano mashasha yohagarika burundu umugambi wa Irani wo guhingura ubutare bw'ubumara be n'uwo guhingura ibirwanisho ruhonyanganda birasa kure.

Ibihugu bitanu bisigaye muri ayo masezerano, arivyo Ubufaransa, Ubwongereza, Ubudagi, Ubushinwa n'Uburusiya, vyipfuza ko ayo masezeano abandanya.

Ariko, kuva Amerika yongereje ibihano kuri Irani mu kwa gatanu 2019, ico gihugu caciye gitangura kurenga ku vyo cari cemeye bijanye n'uguhingura ubutare bwa Uranium.

Irani ivuga ko ica nyuma muvyo yari yiyemeje yagikuyeho mu ntango za kuno kwezi, haciye iminsi Jenerali Qasem Soleimani agandaguwe na Amerika muri Irak.

Amasezerano yo mu 2015 yatumye Irani igabanya ibikorwa vyayo bijanye n'uguhingura ubwo butare bw'ubumara, itako yemerera n'abagenduzi b'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe inguvu z'ubumara, IAEA, kuja muri ico gihugu, naco gikurwako ibihano.

Igihe itangura kuyahonyanga, Irani yavuga ko ayo masezerano yayiha uburenganzira "bwo kurenga kuvyo yiyemeje" mu gihe "urundi ruhande rurenze kuvyo rwiyemeje".

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu ngingo zikomeye Irani yafashe ni ukwubaka ibindi bikono bikomeye vyo guhingura ubutare bwa Uranium

Ibihugu vy' Ubufaransa, Ubwongereza n'Ubudagi bigabisha ko ivyo Irani iriko irakora "biteye kubiri n'ibiri muri ayo masezerano" kandi ko bizogira ingaruka mbi zikomeye.

Bivuga ko bifise ishaka ryo kwubahiriza ayo masezerano kandi ko bifise icizere ko umuti w'ico kibazo ushobora gutorwa biciye mu biganiro.

Mw'ijambo ryiwe kuri televiziyo ejo ku wa gatatu, umukuru w'igihugu ca Irani yaraneguye ivyo bihugu ko vyananiwe n'uguhagararira ayo masezerano.

Ati: "Igisigaye ni uko musubira kuvyo mwiyemeje".

"Mu minsi iheze, narabwiye abategetsi b'ibihugu bibiri vya Bulaya ko atavyo dukora bidashobora guhinduka, kandi ko vyose muvyo dukora mu bijanye n'uguhingura ubutare bw'ubumara bihagarariwe na IAEA".

Yongeyeko ati: "Mukaramuka mufashe inzira itari yo, bizobagirira ingaruka mbi. Hitamwo rero inzira nyayo, iyo nayo ni ugusubira kwubahiriza amasezerano".

Bwana Rouhani kandi yaraneguye Ubwongereza busaba ko ayo masezerano yosubirizwa.

Ati: "Jewe si nzi ivyo umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza yiyumvira. Ivyo Trump yakoze vyose kwabaye uguhonyanga ivyo yiyemeje, kandi bikaba biteye kubiri n'amategeko mpuzamakungu".

Bwana Johnson yabwiye BBC ku wa kabiri ko "ikintu gikomeye" kuri ayo masezerano ari uko Amerika iyabonamwo "akanenge".

Ati: "Nimba ari ukuyaheba, reka tuyasubirize, kandi tuyasubirize n'amasezerano ya Trump. Perezida Trump afise uruhara ntangere. Reka rero dukorere hamwe hanyuma turonke amasezerano ya Trump".

Ubutegetsi bwa Perezida Trump buvuga ko bwiteguye kuja mu biganiro "atakirinze gusabwa", ariko Irani yoyo ivuga ko ibiganiro bishoboka gusa mu gihe ibihano vya Amerika vyokurwaho burundu.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire, Mohammad Javad Zarif, yabwiye abamenyeshamakuru ku mugwa mukuru w'Ubuhindi Delhi ejo ku wa gatatu ko ibihugu vya Bulaya vyisuzuguza imbere ya Amerika.

Hagati aho, yavuze ko ayo masezerano ku mugambi wayo w'ubugingura ubutare bw'ubumara "atarapfa".