Russia: Aba bakobwa batatu bavukana bishe se wabo, ariko bashobora gutezurirwa

Igihe bica se wabo, Angelina (ibubamfu) yari afise imyaka 18, Maria (hagati) yari afise 17, Krestina (iburyo) nawe 19
Insiguro y'isanamu,

Igihe bica se wabo, Angelina (ibubamfu) yari afise imyaka 18, Maria (hagati) yari afise 17, Krestina (iburyo) nawe 19

Abakobwa batatu bavukana bagandaguye se wabo bashobora gutezurirwa igihano "bigafatwa nk'uko bariko barivuna", nk'uko bivugwa n'uwubaburanira.

Alexei Parshin ababuranira yabwiye ikinyamakuru Tass ko ingingo y'umushikirizamanza mukuru w'Uburusiya ishobora gutuma urwo rubanza rufutwa.

Mu kwezi kw'indwi 2018, abakobwa ba Khachaturyan baramuteye aryamye baramukubita, banamucumita imbugita gushika arapfa.

Yari yabasesereje mu kubakubita anabafata ku nguvu, arico gituma Abarusiya benshi basaba ko nya bigeme barekurwa.

Abantu barenga 350.000 barateye igikumu ku rwandiko rwashigikira abo bigeme.

Ivyari muri urwo rwandiko vyatumye hashingwa itegeko rihana amabi akorerwa mu rugo, ryitezwe kuja mu ngiro uno mwaka.

Abaharanira agateka ka muntu basigura ko abo bigeme atari inkozi z'ikibi, ko ahubwo ari bo bakorewe amabi, kubera ata bundi buryo bari bafise bwo gutabarwa, canke ngo sewabo ashengezwe.

Abo bakobwa Krestina, Angelina na Maria Khachaturyan, bari bafise imyaka 17, 18 na 19 igihe bica se wabo. Bashobora gucirwa umunyororo w'imyaka 20, inyuma y'aho umurwi ujejwe gukora amatohoza ubagirije ko bakoze ubwicanyi bateguye.

Bwana Parshin avuga ko "umushikirizamanza yafashe icemezo, ko abo bakobwa bariko barivuna kandi ko uyo murwi ujejwe amatohoza wohindura ugafatira kuri iki cemezo. Nibaza ko ibi bizotuma haba ayandi matohoza".

"Ndizeye ko inyuma y'aho, abo bakobwa bashobora kudasubira gukurikiranwa. Ndibaza ko ivyo bishobora gufata nk'ukwezi canke amezi abiri".

Uwubaburanira avuga ko abo bakobwa baba mu bibanza bitandukanye kandi ko badashobora kuvugana canke ngo bavugane n'abanyamakuru.

Bwana Parshin asubiramwo amajambo avugwa n'icegera c'umushikirizamanza mukuru, Viktor Grin, avuga ko icegeranyo c'umurwi ujejwe amatohoza cirengagije ivyatumye abo bigeme bakora ubwo bwicanyi.

Icegera c'umushikirizamanza mukuru avuga ko ingeso ya se w'abo bakobwa yabahohotera, bituma bafata ingingo yo gukoresha ibibashobokeye vyose kugira bivune.

Bwana Parshin ati: "Ndibaza ko ivyo ari vyo vyose agashavu k'abanyagihugu kagize ico kamara, kubera ko ivyabaye vyari ibintu bidasanzwe".

"Vyari ngombwa ko abajejwe guca imanza bitondera uru rubanza. Rero ibi ni vyiza. Turafise icizere ko abo bigeme batazorenganywa nk'uko vyama vyabaye kenshi".

Avuga ko abahinga bashobora gusubira kwihweza urwo rubanza, bigashobora gutuma abo bakobwa badasubira gukurikiranwa.