Umukenyezi w'umushikiranganji wa mbere wa Lesotho yagirijwe na sentare urupfu rwa mukeba we

Maesaiah Thabane yafotorewe muri Sentare

Ahavuye isanamu, The Post Newspaper

Insiguro y'isanamu,

Umukenyezi w'umushikiranji wa mbere Maesaiah Thabane yitavye sentare uyu wa gatatu

Umukenyezi w'umushikiranganji wa mbere wa Lesotho yagirijwe na sentare icaha co kwica uwahoze ari umukenyezi wa mbere wa Thomas Thabane.

Umukenyezi Maesaiah Thabane ntiharagera ko asabwa kwiregura, akaba yarishikanye ku gipolisi kugira abazwe ku musi wa kabiri.

Umushikiranganji wa mbere Thomas Thabane nawe nyene yabajijwe.

Umukenyezi bari barahukanye, Lipolelo Thabane, yarasiwe hafi y'inzu yiwe mu gisagara ca Maseru imisi ibiri gusa imbere y'uko haba ibirori vy'ukumwimika mu 2017 mu kibanza c'umushikranganji wa mbere.

Bacubakanye bari baragize amatati ajanye n'intumbero yo kwahukana muri ico gihe.

Maesaiah Thabane yagirijwe kandi guhakwa kwica Thato Sibolla wo mu muryango warucuditse n'uwo muhisi, bakaba bari kumwe igihe yaraswa.

Urubanza rwungururijwe kw'italiki ya 28 z'ukwezi kwa kabiri kandi umukenyezi Thabane yagumijwe mw'ibohero.

Hitezwe ko azosaba kworoherezwa kugira aburane yidegemva.

Ni ibihe vyabaye imbere y'uru ruphu?

Ico gitero ubwa mbere cagirijwe umuntu atazwi yari yitwaje ikigwanisho, ariko ibimenyetso bishasha vy'umukuru w'igipolice mu gihugu Hlolomo Molibeli, vyakuruye ibindi bibazo.

Uyo mukenyezi Maesaiah Thabane w'imyaka 42 yasohorewe umutahe italiki 10 z'ukwezi kwa mbere, mu nyuma aza kubirirwa irengero.

Yazanywe ku rubibe ico gihugu gihana na Afrika y'epfo ku munsi wa kabiri inyuma y'aho abashingwamanza biwe n'igipolisi bumbikaniye, nk'uko umuvugizi wa Police Mpiti Mopeli yabariye ibiro ntaramakuru vy'abafransa AFP.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu,

Umushikirangnji wa mbere wa Lesotho Thomas Thabane n'umukenyezi wiwe Maesaiah Thabane ku musi w'ukwimikwa kwiwe

Lipolelo Thabane, yari afise imyaka 58 ntiyabana n'umugabo wiwe kuva mu 2012.

Umugoroba umwe wo mu kwezi kwa 6 mu 2017, igihe yasubira mu rugo rwiwe, yaratewe giturumbuka, arekurirwako umuriro w'amasasu, araheza apfira mw'ibarabara.

Urupfu rw'iwe rwarababaje abantu ku rwego rw'igihugu. Umushikiranganji wa mbere Thabane yavuze ko urupfu rwiwe ''rwaranzwe n'ukutamenya" mw'ijambo yavuze ku musi w'ukwimikwa kwiwe.