Man United: Ighalo yasivye imiyimenyerezo kubera ubwoba bwa corona

Odion Ighalo yinjiye muri Manchester United nk'intizo gushika mu mpera z'ihiganwa ry'uno mwaka Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Odion Ighalo joined Manchester United

Umusatirizi wa Manchester United Odion Ighalo ntazoja mu myimenyerezo y'uwo murwi muri Espanye ku gutinya ko ashobora kwankirwa gusubira mu Bwongereza kubera ubwoba bwa coronavirus.

Uyo mukinyi w'umunya Nijeriya w'imyaka 30 yashitse mu gisagara ca Manchester mu mpera z'indwi iheze avuye mu Bushinwa inyuma y'ugushira umukono ku masezerano avuye mu murwi Shanghai Shenhua.

Ole Gunnar Solskjaer, umumenyereza wa Man United yabwiye televiziyo MUTV ati: "Vyari vyiza ko nawe yari kujana n'abandi bakinyi kugira ngo ashobore kumenyerana nabo".

"Ariko kubera amategeko akomeye y'uruja n'uruza ku mipaka, ntidushaka kwigerezako".

Hagati aho, abakinyi Scott McTominay wo hagati na Axel Tuanzebe w'inyuma bamaze igihe batinjira mu kibuga kubera imvune, bazojana n'abandi.

Man U ntizoba iri mu gihugu gushika ku wa gatanu mu kwitegura guhangana na Chelsea ku kibuga cayo Stamford Bridge ku wa mbere 17 z'ukwa kabiri, hazoba ari isaha zine z'ijoro mu masaha y'u Burundi n'u Rwanda