Cancer yifashe gute mu Burundi?
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Mu Burundi boba bageze hehe mu kurwanya cancer? Inyishu na muganga Louis Ngendahayo

Cancer ni indwara iza ku mwanya wa kabiri mu zica abantu benshi ku isi.

Mu Burundi ibiharuro vy'infatakibanza bitangwa n'ishami rya ONu ryitaho amagara y'abantu OMS/WHO vyerekana ko ibitigiri vy'abatorwa cancer buro mwaka ari 2,800 ku bagabo, nayo ku b agore ni 1,100.

BBC Gahuzamiryango yaganiriye na Dr Louis Ngendahayo umuyobozi w'igisata kijejwe gupima cancer n'izindi ngwara zitandukanye mu bitaro vy'i Bujumbura vyitiriwe umwami Khaled.

Dr Louis Ngendahayo, Umurundi umwe amaze kuronka ubushobozi bwo gusuzuma iyo cancer mu gihugu, atanga inama ko mu vyihutirwa, hobamwo:

-kurungi hanze kwimenyereza abandi baganga bamwunganira,

-gukorana n'ibindi bihugu vyo mu karere vyo kwakira barwanyi ca cancer b'Abarundi bakoroherezwa mu kuvugwa

-Kwubaka 'laboratoires' zo gupimiramwo cancer.