Coronavirus: Ibitigiri bishasha vyerekana ko n’abaganga bandukirwa gusumba mu Bushinwa

Wuhan Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abategetsi ba Wuhan vyabaye ngombwa ko bubaka ibindi bitaro kugira ngo bashobore kwakira abandura coronavirus babandanya bongerekana

Mu gihe ibitigiri vy'abandura wa mugera wa Coronavirus, abategetsi b'Ubushinwa bamenyesha ko n'abaganga bageramiwe, hakavugwa n'ubukene bw'ibikoresho vyo kwikingira.

Abavuzi batandatu baramaze kuhasiga ubuzima, nayo abashika 1716 bamaze kwandukirwa kuva uwo mugera wadutse, nk'uko abo bategetsi babimenyesha.

Gushika ubu, abantu barenga 1300 baramaze guhitanwa n'uwo mugera.

Urupfu rwa muganga Li Wenliang, yari yagerageje kugabisha abategetsi uwo mugera ugitangura kwibonekeza, rwatumye abanyagihugu bashangashirwa.

Zeng Yixin icegera c'umushikiranganji w'amagara y'abantu w'Ubushinwa, avuga ko abaganga 1102 banduye mu karere ka Wuhan, ahatanguriye ico kiza, abandi 400 nabo bakaba ari abo mu bindi bice vy'igihugu.

Avuga ko igitigiri c'abaganga bagenda bandura uwo mugera kigenda congerekana.

Asubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, Bwana Zeng avuga ati: "Abaganga bafise akazi katoroshe na gato; bakorera mu buryo butoroshe kandi ntibanaruhuka; bamana umutima uhagaze, kandi kwandukirwa ni ibintu vyoroshe kuri bo".

Abategetsi bo muri ako karere babandanya bita ku rutare kugira barabe ko bobaronsa ibikoresho vyo kwikingira nka twa dutambara two kwambara mu maso, ya marori yo kwikingira hamwe n'impuzu Bambara mu kwikingira.

Umuganga umwe yabwiye Reuters ko we na bagenzi we 16 bafise ibimenyetso vyerekana ko bashobora kuba baranduye.

Uwundi nawe avuga ko we na bagenziwe barenga ijana ku bitaro akorerako bashizwe ukwa bonyene. Yabwiye televiziyo CNN ya Amerika ko abandi 30 kuri 500 bahakora bamaze kwandura.

Ibiharuro vya nyuma vyerekana ko abantu bashasha 122 bapfuye mu Bushinwa, ivyatumye ico gitigiri gishika kuri 1381.

Image caption Coronavirusu yatanguriye m karere ka Wuhan

Muri ico gihugu nyene, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bumenyesha ko abantu banduye uwo mugera bababa 64.000.

Hagati aho, ibitigiri vy'abandura uwo mugera hanze y'Ubushinwa biracari hasi, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe OMS.

Uwo mugera umaze gukwiragira mu bihugu bishika 24 kw'isi, aho abashika 500 bamaze kuwandura hanze y'Ubushinwa. Muri Philippines, umuntu umwe aramaze guhitanwa n'ico kiza.

Umukuru w'ishami rya ONU ryitaho amagara kw'isi OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, afise ubwoba ko mu gihe woshika mu bihugu bitifashe mu birava ubuvuzi wokora ibara.

Ibindi bisa n’ibi