Boeing 737 Max: amatanki y’igitoro y'indege nshasha bayasazemwo imicafu

Boeing 737 MAX 8 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Boeing 737 MAX 8 zabujijwe gusubira kuguruka inyuma y'amasanganya atandukanye abiri yahitanye ubuzima bw'abantu 346 muri Indoneziya na Ethiopia .

Boeing 737 Max isanzwe iri mu ngorane yahuye n'ikindi kibazo gishobora kubangamira umutekano w'ingenzi, inyuma y'aho basanze imicafu mu matanki y'indege zitari nke zikiri mu bubiko zirindiriye guhabwa amakompanyi kw'isi.

Umukuru w'igisata kijejwe gukora indege za Boeing 737 yabwiye abakozi ko ivyo bintu "bidashobora kwihanganirwa na gato".

Umwe mu bavugizi ba Boeing avuga ko iyo kompanyi itari yiteze ko iyo ngorane ishobora gutuma izo ndege zidashobora kubuzwa gusubira mu kirere.

Iyo ngorane nshasha yadutse mu gihe indege Boeing 737 Max kw'isi zibandanya zihagaritswe inyuma y'amasanganya abiri yahoneje abantu.

Iyo kompanyi ya Amerika ikora indege ivuga ko yasanze hari "ibintu vy'ibicafu" biri mu matanki y'indege za 737 Max zitari nke zikiri mu bubiko.

Umuvugizi wa Boeing yabwiye BBC ati: "Mu gihe twariko turazikontorora twasanze ibintu vy'ibicafu mu ndege za 737 Max zisanzwe zikiri mu bubiko. Ivyo vyatumye dutangura amatohoza akomeye tunafatira n'ingingo bamwe bamwe mu bakozi".

Ico kibazo cadutse ubu ciyongereye ku rundi rukurikirane rw'ibibazo bisanzwe bihanze izo ndege za Boeing zizwi ko zagurishijwe cane gusumba.

Indege Boeing 737 Max zarahagaritswe mu bihugu bitandukanye kw'isi kuva mu kwa gatatu umwaka uheze 2019.

Zabujijwe gusubira kuguruka inyuma y'amasanganya atandukanye abiri yahitanye ubuzima bw'abantu 346.

Urukirikirane rw'ibibazo ku ndege za 737 Max

Ku wa 29/10/2018: indege 737 Max 8 ya kompanyi Lion Air ya Indonesia yarakorotse, ihitana ubuzima bw'abantu 189 bari muri yo.

Inyuma y'aho, ku wa 31/01/2019: Boeing yatangaje ko hari amakompanyi 79 yaguze indege Max zishika 5,011.

Ku wa 10/03/2019: Indege 737 Max 8 y'ikompanyi Ethiopian Airlines yarakorotse ihitana ubuzima bw'abantu 157 bari muri yo.

Ku wa 14/03/2019: Boeing yahagaritse indege 737 Max zose ziri kw'isi.

Ikigo kijejwe indege muri Amerika, Federal Aviation Administration (FAA), cabwiye BBC ko kiriko gikurikiranira hafi ingene iyo kompanyi ivyifatamwo ku biraba n'ico kibazo kindi cadutse.

Boeing ivuga ko itari yiteze ko ico kibazo cari gushobora gutuma indege zayo 737 Max zibandanya zihagaritswe, mu gihe yari yiteze ko zisubira kuguruka hagati muri uno mwaka.