Leta y'Ubwongereza iti 'abafise ubumenyi buto ntibazohabwa viza'

Waitress Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Leta y'Ubwongereza imenyesha ko mu nteguro y'ico gihugu yerekeye uruja n'uruza inyuma y'ukwiyonkora ku muryango w'ibihugu vya Bulaya ari uko abakozi bazoba bafise ubumenyi buto batazoronswa uburenganzira bwo kwinjira muri ico gihugu.

Leta ihimiriza ko abatanga ubuzi "boheba" ingendo y'ugukoresha "abakozi bazimbutse" bava mu bihugu vya Bulaya, bakimenyereza ahubwo guteza imbere abakozi bogumya bakanamenyera gukoresha ubuhinga bwa none budasaba abantu.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati muri ico gihugu bumenyesha ko abanyagihugu bava mu muryango wa Bulaya no hanze yawo bazoja gukorera mu Bwongereza bazofatwa co kimwe.

Ivyo bizoba inyuma y'igenekerezo rya 31 z'ukwa 12 uno mwaka, ikiringo c'uruja n'uruza mu mwidegemvyo kizoba kirangiye hagati y'Ubwongereza n'umuryango w'Ubulayi.

Umugambwe w'abakozi uvuga ko "gushinga amategeko atorohereza abantu" bizotuma habura abakozi.

Ariko umushikiranganji w'intwaro yo hagati, Priti Patel, yabwiye BBC mu kiganiro Breakfast ko leta yashatse "gutera intege abantu bafise ubumenyi nyabwo" hamwe no "kugabanya ibitigiri vy'abantu binjira mu Bwongereza ata bumenyi bukwiye bafise".

Avuga kandi ko amakompanyi azoshobora kuronderera abakozi mu "bantu badafise ubuzi" bashika imiliyoni umunani mu Bwongereza.

Hagati aho, umugambwe SNP uvuga ko iyo ari "ingingo iteye isoni kandi mbi cane".

None ni nde yitwa ko "afise ubumenyi bukwiye"

Muri iyo nteguro, abitwa ko bafise ubumenyi bukwiye bazoshobora no kuba abahejeje igice ca kabiri c'amashure yisumbuye, aho kuba abahejeje kaminuza gusa nk'uko bisanzwe bimeze ubu.

Ubuzi bubayabaye hamwe n'ubuzi bumwe bumwe ku barimyi buzovanwa muri iyo nteguro, ariko hongerwemwo ububaji, ugutera amarangi, n'ukurera abana.

None iyo nteguro izokora gute?

Leta ishaka gutanguza integuro ishingiye "ku manota" nk'uko yavyemereye abanyagihugu mu gitabo c'imigambi y'umugambwe w'aba Conservateur.

Muri iyi nteguro, abanyamahanga bazotegerezwa gushikana amanota 70 kugira ngo bashobore kwemererwa gukora mu Bwongereza.

Kuba uzi icongereza no kuba wemerewe akazi ufitiye ubumenyi buhagije bizoguha amanota 50.

Ayandi manota azotangwa harabwe impamyabushobozi, umushahara w'akazi, n'uko uzoba ukora mu gisata gifise ubukene bw'abakozi.

Abakozi bava mu bihugu vyo mu karere k'ubutunzi ka Bulaya (Espace économique européen, EEE) ubu bafise uruhusha rwo kubandanya baba kandi bakora mu Bwongereza hatarinze kurabwa imishahara canke ubumenyi bwabo.

Leta ivuga ko ivyo bizorangirana n'igenekerezo rya 31 z'ukwa 12 uno mwaka, aho ikiringo c'imfatakibanza c'amezi 11 inyuma ya Brexit kizoba kirangiriye.

Urugero rw'imishahara

Umushahara w'intango ku mukozi azoba afise ubumenyi bukwiye akeneye kuza mu Bwongereza uzogabanywa uve ku 30.000 vy'ama pawundi ushike kuri 25.600.

Hagati aho, leta ivuga ko uwo mushahara ushobora kuzogabanywa gushika ku 20.480 ku bantu bazoba bakora mu "bisata kanaka bidafise abakozi b'imvukira" - harimwo abaganga, abubatsi, abahinga mu nyifato hamwe n'abatamba, canke bakaba bafise impamyabushobozi ya Doctorat yerekeye akazi kanaka.

Ariko, nta gitigiri ntarengwa c'abakozi babifitiye ubumenyi bazoba bashobora kwinjira mu Bwongereza.

None mu bisata bifise imishahara mito bizogenda gute?

Leta ivuga ko ata ntumbero izotanga ku bakozi bazofa bafise ubumenyi buto canke bahembwa agashahara gato, igasaba amakompanyi ko "yokwitunganya" afatiye ku kiringo ntarengwa c'uruja n'uruza kuri gusa hagati y'Ubwongereza n'ibihugu vy'umuryango w'Ubulaya.

Ahubwo, ivuga ko abanyagihugu bo mu bihugu vyo mu muryango wa Bulaya bashika imiliyoni 3.2 basavye ko boguma mu Bwongereza bashobora gufasha gutorera umuti ikibazo c'abakozi.

Ariko abaserukira abakora mu vy'uburimyi, mu mahoteri be no mu buvuzi baragabisha ko ku nteguro nshasha bizogorana kuronka abakozi.

Uwufise ububasha kw’isanamu PA Media

Ikigo cigisha ibijanye n'ubuvuzi (Royal College of Nursing) kivuga ko iyo nteguro "itazoshobora gukwiza ivyo abanyagihugu bakeneye mu vy'ubuvuzi".

Umukuru w'ishirahamwe ry'abarimyi Minette Batters ashikiriza "amakenga y'inkoramutima" ku bijanye "n'uko leta yananiwe no kubona ivya nkenerwa mu bijanye n'uburimyi hamwe n'imfungurwa mu Bwongereza".

Eka n'ishirahamwe rihurikiyemwo abahingura imfungurwa n'inyobwa (Food and Drink Federation) ryerekana amakenga ku bakora imikate, abahingura inyama hamwe n'abandi bahingura imfungurwa zimwe zimwe nk'amaforomaji n'ibindi bikozwe mw'ifu, batazoba bakwije ibisabwa n'amategeko muri ino nteguro nshasha.

Hagati aho, leta ivuga ko izokworohereza abakozi b'igihe gito mu gisata c'uburimyi gushika ku 10.000, kandi ko "izokworohereza uruja n'uruza rw'urwaruka", aho abashika 20.000 bashobora kwemererwa kwinjira mu Bwongereza buri mwaka.

Ku bijanye n'ibitegekanirijwe abakozi

Kuri iyo nteguro, abanyamahanga bazoba bafise gusa uburenganzira bwo kuronswa ibibategekanirijwe bafatiye ku mishahara bahembwa gushika baronkejwe uruhusha rw'ukuba mu gihugu burundu, rutangwa inyuma y'imyaka itanu.

Muri kino gihe, abanyagihugu bo mu bihugu vyo mu muryango wa Bulaya barashobora gusaba ubwo burenganzira mu gihe boba "bariko barinjiriza igihugu".

Abanyagihugu baba hanze y'umuryango w'Ubulayi bashobora kuronswa ibitegekanirijwe abakozi mu gihe baronkejwe uruhusha rwo kuba mu gihugu burundu, ivyo navyo bigasaba kuba bamaze imyaka itanu baba mu Bwongereza.

Abanyepolitike babivugako iki?

Mu mugambwe w'abakozi, umunyamabanga wawo, Diane Abbott, avuga ko leta "isa n'uko itabanje kwihweza ingaruka z'iyi nteguro ku butunzi muri rusangi hamwe n'ubutumwa yari ikwiye guha abimukira basanzwe baba kandi bakora ngaha".

Naho mu mugambwe w'Abigenga, umuvugizi wawo avuga ko iyo nteguro ishingiye ku rwanko ku banyamahanga.

Muri Ecosse hoho, umushikiranganji wa mbere akaba anarongoye umugambwe SNP, Nicola Sturgeon, avuga ko iyo nteguro izogira "ingaruka mbi cane" ku butunzi bwa Ecosse.