Perezida Petero Nkurunziza agiye kwitwa 'Imboneza yamaho yo kuzirikana gukunda no gukundisha igihugu'

Inama nshingamateka Uwufise ububasha kw’isanamu @nshingamateka

Inama nshingamateka yaraye yemeje integuro y'itegeko rivuga ko Petero Nkurunziza agiye kwitwa Imboneza yamaho yo kuzirikana gukunda no gukundisha igihugu mu nama y'ejo yaranzwe n'impari zikomeye.

Abashingamateka bo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD barashigikiye cane iyo nteguro, mu gihe abo ku ruhande rw'abatavuga rumwe n'uwo mugambwe bayirwanije.

Mu kwezi kwa mbere guheze, iyo nama nshingamateka yaremeje integuro y'itegeko riha uturusho umukuru w'igihugu iyo arangije amabanga, yongera isabira Petero Nkurunziza amazina y'icubahiro.

Muri iyo nama, abashingamateka batavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi barerekanye ko badashigikiye ko umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza ahabwa iteka ry'ukwitwa Imboneza yamaho yo kuzirikana gukunda no gukundisha igihugu.

Bafatiye kuvyo bise ibibi vyakozwe mu kiringo c'imyaka 15 amaze ku butegetsi.

Umushingamateka Fabien Banciryanino yatowe mu ntara ya Bubanza ku ruhande rw'abigenga bahurikiye mu runani AMIZERO Y'ABARUNDI, ntarya umunwa.

Kubw'iwe, imyaka 15 yose Petero Nkurunziza amaze ku butegetsi yaranzwe n'amabi atandukanye harimwo ubwicanyi, ukunyuruza abantu n'ibindi "ku buryo atohabwa ico kidari mu bihe nk'ivyo".

Ati: "Nibaza ko iyi nteguro yabayemwo abitwa ba ndisabiye barondera kweza umuntu uko atari, umukuru w'igihugu wa kino gihe ntabereye kino kidari kuko mbona ashobora mbere no kuja imbere y'intahe".

Ku bashingamateka bo mu runani Amizero y'abarundi, iyo nteguro itandukanye n'ingene ibintu bimeze mu gihugu, igashaka gufata ivyemejwe mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ibigire ivyo igihugu cose.

Uwufise ububasha kw’isanamu CNDD FDD
Image caption Prezida Nkurunziza azokwitwa Imboneza yamaho yo kuzirikana gukunda no gukundisha igihugu

Ku ruhande rwabo, abashingamateka bo mu mugambwe CNDD-FDD bashimangira ko Perezida Nkurunziza akwiriye iryo teka kuko yakoreye igihugu bigashimwa nk'uko vyavuzwe n'umushingamateka Nshimirimana Georges.

Nayo kubwa Gélase Ndabirabe wewe afata Petero Nkurunziza ko ata wokwigereranya nawe mu bice vyose avuga ati: "Abadashigikiye iyo nteguro ni abansi b'igihugu bakorera inyungu z'abanyabulaya".

Iyo nteguro yahavuye yemezwa n'inama nshingamateka, ku majwi 91, batatu nabo barayihakana, 14 nabo bakaba ataco bayivuzeko.

Petero Nkurunziza, niwe mukuru w'igihugu agira kabiri yitorewe n'abanyagihugu inyuma ya Melchior Ndadaye yatowe mu 1993 ariko agaca agandagurwa haciye amezi atatu gusa ashikirije amabanga.

Mu kwezi kwa gatatu 2018, umugambwe CNDD-FDD waramwemeje nk'Imboneza yamaho muri uwo mugambwe, imbere y'uko amenyesha ko atazosubira kwitoreza ikindi kiringo kigira gatatu nk'uko abenshi babibona.

Mu kwezi guheze naho, iyo nama nshingamatekaka yaremeje integuro y'itegeko rigenera Pereto Nkurunziza, co kimwe n'abandi bakuru b'igihugu batowe n'abanyagihugu, imperekeza y'umuliyaridi w'amafaranga y'amarundi, hamwe n'umushahara wa buri kwezi ubuzima bwiwe bwose.

Ibindi bisa n’ibi