Umudemocrate Bernie Sanders ariyamiriza Uburusiya buvugwa ko bushaka kwivanga mu matora ya Amerika

Bernie Sanders agabisha Uburusiya ko butokwivanga mu matora ya Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bernie Sanders (i buryo) agabisha Uburusiya ko butokwivanga mu matora ya Amerika

Bernie Sanders asanzwe ariko arwanira guserukira umugambwe w'aba Democrates mu matora yo muri Amerika ariyamiriza Uburusiya buvugwa ko buriko burondera kumufasha mu myiyamamazo, aho abubwira ati "reka kwivanga mu matora ya Amerika".

Ejo ku wa gatanu, Bwana Sanders yavuze ko abategetsi ba Leta Zunze Ubumwe za Amerika bamubwiye mu kwezi guheze ko Uburusiya bwari mu twigoro two kumufasha mu myiyamamazo yiwe.

Ari mu ntara ya California, Bwana Sanders avuga ko bitaboneka neza ingene Uburusiya bwashaka kwivanga muri ayo matora.

Ariko, uyo mukenguzamateka w'imyaka 78 akomoka mu ntara ya Vermont akaba ariko arondera guhangana na Perezida Donald Trump yariyamirije bikomeye uwo mugambi w'Uburusiya.

Yagirije Perezida Vladimir Putin w'ico gihugu ko ari "umutegetsi akoresha igikenye", ko leta yiwe "ikoresha imbuga ngurukanabumenyi mu gushaka kubiba amacakubiri mu gihugu cacu".

Ati: "Hinge twumvikane, Abarusiya bashaka guhuvya intwaro rusangi ya Amerika mu kuducamwo ibice. Jewe rero simeze nk'uyu mukuru w'igihugu, ndiyamirije nshimitse iyo migambi yabo hamwe n'igihugu ico ari co cose coshaka kwivangha mu matora yacu".

Bwana Sanders asanzwe yiyita ko ashaka intwaro rusangi ishingiye ku matwara y'abasosiyaliste, niwe aboneka ko ari imbere mu bariko baharanira guserukira umugambwe w'aba Democrates mu matora y'umukuru w'ico gihugu.

Hagati aho, Facebook ivuga ko ata cemezo na kimwe iratora cerekana ko Uburusiya buriko burondera gufasha Sanders mu myiyamamazo yiwe.

Ejo ku wa gatanu, ikinyamakuru Washington Post cavuze ko Perezida Trump wa Amerika hamwe n'abashingamateka b'ico gihugu baronse amakuru avuga ko Uburusiya bwariko bushaka gufasha Bwana Sanders.

Ku rundi ruhande, abategetsi bakuru bo mu rwego rw'igendereza bazi ko Uburusiya buriko burarondera kwivanga mu matora ya Amerika mu gushaka gufasha Perezida Trump ngo atsinde amatora.

Umurwi ujejwe igendereza mu nama nshingamateka mu kanama kayo ko ku wa 13 z'uku kwa kabiri wamenyeshejwe ko Uburusiya bwipfuza ko Bwana Trump ari we yotsinda ayo matora.

Trump avyamirira kure

Mu gihe yariko yiyamamaza mu ntara ya Nevada ejo ku wa gatanu, Perezida Trump yavuze ko ibivugwa y'uko Uburusiya buriko bwivanga mu matora vyari "ibihuhua" vyatangujwe n'abademocrates.

Ati: "Ndabira izi mburakimazi, aba Democrates ataco bafise bakora, uno munsi bavuze ngo Putin ariko akora ibishoboka vyose ngo Trump atorwe. Murumva ivyo bintu !"

Ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya Kremlin, birahakana ayo makuru bikavuga ko ata shingiro afise.

Umuvugizi wavyo, Dmitry Peskov, yabwiye abanyamakuru ko ari "amajambo y'ubwoba" ashingiye "ku binyoma gusa", nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.