OMS ivuga ko amahirwe yo kurwanya Coronavirus agenda agabanuka

Iraki yafashe ingingo yo gupima abinjirira ku mupaka na Irani Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Iraki yafashe ingingo yo gupima abinjirira ku mupaka na Irani

Umukuru wa OMS, ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, avuga ko afise amakenga ku kungene wa mugera ruhonyabantu coronavirus ugenda ukwiragira mu buryo budatomoretse.

Umukuru wa OMS, Muganga Tedros Adhanom Ghebreyesus, avuga ko amahirwe yo kurwanya uwo mugera agenda "agabanuka".

Uno munsi ku wa gatandatu, abategetsi b'Ubushinwa batangaza ko ibitigiri vy'abahitanwa n'uwo mugera canke abawandura vyagabanutse.

Hagati aho, ibitigiri vy'abawandura biriko biriyongera muri Koreya y'Ubumanuko, Mu Butaliyano, muri Irani eko no mu bindi bihugu.

Muganga Tedros avuga ko igitigiri c'abanduye hanze y'Ubushinwa gisa n'uko ari gito, ariko y'uko ingene igenda ikwiragira biteye amakenga.

Ati: "Turatewe amakenga n'ibitigiri bigenda vyiyongera, mu gihe biboneka ko bidatumwa n'uko abanduye baba baheruka mu burere bugeramiwe, canke ko boba barakoranyeko n'abamaze kwandura".

Avuga kandi ko ibitigiri vy'abapfa n'abandura mu gihugu ca Irani "biteye amakenga menshi".

Coronavirus hanze y'Ubushinwa

Abarenga 1200 nibo bamaze kumenyekana ko banduye coronavirus mu bihugu 26 havuyemwo Ubushinwa, nayo umunani bakaba ari bo bamaze gupfa nk'uko bivugwa na OMS.

Muri abo bamaze gupfa hanze y'Ubushinwa harimwo babiri bo muri Koreya y'Ubumanuko, izwi ko ari co gihugu gifise igitigiri kinini c'abamaze kwandura uwo mugera hampande y'Ubushinwa.

Kuri uno wa gatandatu, Koreya y'Ubumanuko yamenyesheje ko hari abandi 142 bashasha banduye coronavirus, bikaba vyatumye igitigiri c'abanduye uwo mugera muri ico gihugu gishika 346.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Kwambara udutambara dupfuka amazuru n'umunwa muri Koreya y'Ubumanuko vyabaye ngombwa

Umushikiranganji wa mbere, Chung Sye-kyun, avuga ko igihugu kiri mu bihe bidasanzwe.

Mu Butaliyano, ejo ku wa gatanu, abaganga muri ico gihugu bamenyesheje ko umutama w'imyaka 78 ariwe muntu wa mbere yishwe na coronavirus, nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru Ansa ryo muri ico gihugu.

Imbere y'aho, Ubutaliyano bwari bwatangaje ko hari abandi bantu 16 bari banduye uwo mugera, bituma ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu butangaza ko amashure n'ibiro vya leta vyugarwa maze ibikorwa bijanye n'inkino bigahagarikwa, mu turere tugeramiwe.

Gushika ubu, Ubushinwa bumenyesha ko abantu 76.288 mu gihugu cose aribo banduye coronavirus, nayo 2345 bakaba bamaze kuhasiga ubuzima.

Muri Irani, uwo mugera ubarizwa cane cane mu gisagara ceranda ca Qom kiri mu bumanuko bw'umugwa mukuru Tehran, kikaba gisanzwe kigenderwa cane n'aba isilamu b'aba Shia bo mu karere k'Uburasirazuba bwo hagati.

Ico gihugu catangaje ko hari abantu babiri bapfuye ejo ku wa gatanu muri Qom, biyongera ku bandi babiri nyene bari bapfuye ku wa kane. Abantu 18 nibo bamaze kumenyekana ko bamaze kwandura uwo mugera muri ico gihugu.

Eka n'igihugu ca Libani naco nyene kimenyesha ko hari umuntu wa mbere amaze kwandura uwo mugera, akaba ari umukenyezi w'imyaka 45 yagiye kumenyekana ko yawanduye ashitse ku mugwa mukuru Beirut avuye mu gisagara ca Qom muri Irani.

Ibihugu vya Isirayeli , Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu (Emirats Arabes Unis) hamwe na Mirisi, navyo nyene bimenyesha ko ico kiza camaze gushikayo.