Uyu mulayike yashinze ishirahamwe ry'abafise ingorane zo mu mutwe yafashe ku nguvu abagore batandatu

Jean Vanier yashinze L'Arche mu 1964 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jean Vanier yashinze L'Arche mu 1964

Umutegetsi wo muri Katolika yatanguje ishirahamwe ryo gufasha abantu bari bafise ingorane zo mu mutwe yafashe ku nguvu abagore batandatu mu Bufaransa, nk'uko icegeranyo mpuzamakungu kibimenyesha.

Uyu munyakanada Jean Vanier yashinze ishirahamwe mpuzamakungu L'Arche mu Bufaransa mu mwaka wa 1964, akaba yapfuye mu mwaka uheze afise imyaka 90.

Ico cegeranyo ariko kivuga ko muri abo bagore bose bafashwe ku nguvu ata n'umwe yagize ibibazo.

Iryo shirahamwe, L'Arche International, ryasavye ko haba amatohoza umwaka uheze inyuma y'aho havyukiye urwikeko kuri we.

Mw'ikete bandikiye ishirahamwe L'Arche, Stephan Posner na Stacy Cates Carney basanzwe barongoye L'Arche International bavuze bati:

"Ibi bintu biratubabaje cane kandi turabiteye ivyatsi n'umutima wacu wose, kuko biteye kubiri n'ivyo Jean Vanier yashira imbere.

"Eka ntibijanye na gato n'amategeko ngenderwako ajanye n'ukwubaha n'ukubahiriza kiremwamuntu, kandi biteye kubiri n'amategeko ngenderwako ya L'Arche".

"Turateye intege ubutwari tukanahoza abo bakenyezi bubahutse kuvuga ivyababayeko, n'abo bose batashoboye kuvuga amarusha babonye".

"Turasavye imbabazi kuri bintu bintu vyabaye mw'ishirahamwe L'Arche, bimwe bimwe bikaba vyakozwe n'uwaritanguje we nyene".

Iryo shirahamwe rifise ibigo rirereyemwo abantu bafise ubumuga n'abatabufise, rikaba rikorera mu bihugu 38 n'abanywanyi bashika 10.000.

Ico cegeranyo kivuga ngw'iki?

Vanier, umulayike yari akomeye wa Katolika, yafashe ku nguvu abo bagore batandatu mu Bufaransa hagati y'imyaka ya 1970 na 2005 nk'uko itangazo rya L'Arche International ribivuga.

Yarabahendahenda ngo ashaka kubaha ubutumwa bw'Imana agaca yikika mu kiza akabasambanya.

Iryo tangazo rivuga riti: "Abo bagore bose batanze amakuru amwe kuvyo bakorewe akababwira ko vyari ibitangaro vy'Imana mu gusigura amabi yabakorera".

"Ayo mabi yaragize ingaruka mbi ku buzima bwabo no mu migenderanire yabo n'abandi bantu".

Riti: "Ivyo yabakoreye vyerekana ingene Vanier yari yigaruriye aba bakoenyezi, haba mu mutwe canke mu kwemera kwabo".

Iryo tangazo kandi rivuga ko Vanier yasavye abo bagore ko ivyababayeko bobigira ibanga.

Muri abo bagore harimwo ababikira hamwe n'abakozi bo mw'isengero, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru co muri Canada, Globe and Mail, catanze ayo makuru ubwa mbere.

Hampade y'ivyo, Vanier yari mu karwi gato kakorera mu kinyegero kakorana n'umupatiri Thomas Philippe w'igitabanga mu bikorwa vy'ibiterasoni, nk'uko itangazo rya L'Arche ribivuga.

Ivyo biterasoni vyakorwa vyitwa ko vyari "ibitangaro" vyahavuye vyiyamirizwa n'idini Katolika nk'uko iryo tangazo ribivuga.

Patiri Philippe yapfuye mu 1993. Vanier yavuga ko yari "umuhanuzi wiwe muvyo ukwemera", ariko yarahakanye imbere y'ishengero ko ivyo bikorwa atavyo yari azi.

Amatohoza yakozwe n'ikigo cigenga co mu Bwongereza citwa GCPS.