Mike Hughes wo muri Amerika yishwe n'ikigendajuru yakoze we nyene

Mike Hughes Uwufise ububasha kw’isanamu CBS
Image caption Mike Hughes ahagaze imbere y'ikigendajuru yakoze

Umunyamerika afatwa "nk'umusazi" yapfuye mu gihe yariko agerageza kugendesha ikigendajuru ciwe yakoze, mu bugaragwa bwo mu ntara ya California.

Mike Hughes w'imyaka 64, abantu bafata "nk'umusazi", yaraguruye ico kigendajuru ciwe ejo ku wa gatandatu kikaba cagiye gukoroka haciye akanya gato.

Ireresi yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana ico kigendajuru kigurutse, mu nyuma kiza kugwa hasi hafi y'aho cagurukiye.

Uyo mugabo Hughes yari azwi cane nk'umuntu yarwanya ivyo bose bazi ko isi ari umubumbe, wewe akaba yemera ko Isi iringaniye. Mu kwiyumvira kuguruka mu kirere akaba yashaka kwerekana ko ivyo yemera ari vyo vyo.

Abifashijwemwo na mugenziwe Waldo Stakes, Hughes yashaka gushika ku burebure bw'imetero 1525 uja mu kirere nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru Space.com kivuga ibijanye n'ivyo mu kirere.

Mw'ireresi yerekana igihe ico kigendajuru ciwe caguruka, umutaka uboneka inyuma yaco, bikaboneka ko wuguruwe hataragera, haciye imisegonda mikeya gusa.

Iciye ku rubuga rwa Twitter, televiziyo Science Channel yo muri Amerika yavuze ko Hughes yapfuye ariko akurikirana indoto yiwe.

Darren Shuster yahoze aserukira Hughes,yabwiye televiziyo TMZ ko uyu mugabo yari "ameze ukuntu".

Ati: "Igihe Imana yarema Mike, iforoma itegerezwa kuba yaramenetse. Yari umuntu ameze ukwiwe. Nta kindi cari kimurindiriye atari iki! Imana imwakire".

Uyo mugabo yari asanzwe aba mu karere ka Apple Valley yaravuzwe cane igihe yamenyesha ko ashaka kwerekana ko isi atari umubumbe.

Mu kwa gatatu umwaka uheze, Hughes yarashoboye kugurura ikigendajuru arashika ku metero 570 mu kirere kandi arasubira hasi neza. Ico gihe yarishimye, abona ko vyose bishoboka.