Ibihugu vya Afrika vyumvikanye gukorera hamwe mu guhangana na coronavirus

Ku kibuga c'indege mu Misiri i, igihugu ca mbere cabonetsemwo uwanduye coronavirus, abinjira bapimwa ubushuhe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ku kibuga c'indege mu Misiri i, igihugu ca mbere cabonetsemwo uwanduye coronavirus, abinjira bapimwa ubushuhe

Mu gihe abahitanwa n'umugera wa coronavirus bagenda biyongera kw'isi, abashikiranganji bari bateranije i Addis-Abeba ku cicaro c'umuryango wa ibihugu vya Afrika bavuyeho bumvikanye gukorera hamwe mu guhanahana amakuru be no gucungera uruja n'uruza.

Gushika ubu, umuntu umwe gusa akomoka muri Misiri niwe amaze kumenyekana ko yanduye coronavirus ku mugabane wa Afrika, ariko na we nyene ubu yarakize.

Tedros Adhanom Ghebreyesus, umukuru w'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, yaribukije abari bakoraniye i Addis-Abeba ati:

"Ikituraje ishinga ni uko coronavirus itoshika mu bihugu atako vyifashe mu bijanye n'amagara y'abantu".

Ikigo ca Afrika kijejwe gukinga indwara kimenyesha ko ubu umugabane wa Afrika witeguye neza guhangana n'uwo mugera gusumba uko vyari bimeze haciye ukwezi.

Muganga Tedros yanatangarije abari muri iyo nama ko John Nkengasong, arongoye ikigo kijejwe kurwanya indwara muri Afrika, hamwe na Samba Sow, arongoye ikigo kijejwe gukora imiti y'urukingo muri Mali, bagenywe nk'intumwa zidasanzwe mu kurwanya umugera coronavirus.

Gushika ubu mu bihugu birenga 25 vya Afrika, hari abaganga barenga ibihumbi cumi bamaze kuronswa inyigisho, haratangwa n'ibikoresho vyo gupima, nayo ugucungera uruja n'uruza bikaba vyarakomejwe.

Harashinzwe kandi n'umurwi w'abahinga karuhariwe muvyo ubuvuzi ujejwe gutabara mu buryo bwihuse cane mu gihe hogira umuntu amenyekana ko yanduye uwo mugera.

Muganga Tedros yavue ko ishirahamwe OMS rifishe ishaka ryinshi ryo gukorana n'ibihugu vyose vya Afrika kugira ngo ibishoboka vyose bikorwe mu ntumbero yo kurwanya uwo mugera ruhonyabantu.